I. Ukwo umwaka utashe kw’igenekerezo rya 27 Nzero, amakungu aribuka ubwicanyi bwakorewe abayahudi. Imwe mw’ikambi nini aba Nazi babiciramwo niho yafatwa, haraheze imyaka 76. Ama milioni y’abakenyezi, abana, n’abagabo niho bishwe. Ishirahamwe AC Génocide Canada, rikanegurako inyuma y’iyo myaka yose, abategetsi b’Uburundi bataratahura ivyabaye muri kahise.
II. Amabi n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu bikorwa n’igipolisi c’Uburundi ku banyagihugu ngo vyimonogoje muri bino bihe, nk’ukwo bivugwa n’urunani CFOR-Arusha ruhurikiyemwo bamwe mu batavuga rumwe na leta. Urwo runani rukabivuga rufatiye ku bantu bagize imisi bapfa, babanje kuborezwa igufa bakiri mu minwe y’inyamiramabi. Uwa nyuma aherutse gupfa, akaba ari umugabo w’imyaka irenga 60, Egide Sindayigaya, yitavye Imana amaze imisi 10 mu gasho k’igipolisi mu Rumonge. Urunani CFOR-Arusha rukanegura ingene leta y’Uburundi ata nguvu ishiramwo ngo ituze ubwo bubisha. Emmanuel Ndereyimana avugira urwo runani.
III. Mw’ishirahamwe rukristu rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, ACAT-Burundi, bariyamiriza ihohoterwa ryakorewe umuhisi Egide Sindayigaya, aho bivugwa ko ari yo nkurikizi y’urupfu rwiwe. Umushingwamanza Armel Niyongere, arongoye iryo shirahamwe, asaba k’umushikirizamanza yokora amatohoza nk’ukwo amategeko abivuga, uwagira icaha ahanwe hisunzwe amategeko.
IV. Umugambi wo guharika bamwe mu bakozi bakorera ihinguriro ry’ibinyobwa Brarudi twababwiye mu makuru yo kuri uyu wa kabiri, uriko ukorwa n’abakozi bakuru bakuru muri iryo hinguriro. Nk’uko amakuru dukura mu bakozi bo muri iryo hinguriro avyemeza, abo bakozi bo hejuru basanzwe bafise imitahe mu bijanye no kurondera abandi bakozi b’abakutsakivi ico bita sous-traitance mu gifaransa, kugirango vyorohere ubuyobozi bw’ihinguriro Brarudi mu gufuta uburusho buhabwa abakozi.
V. Umunyagihugu yitwa Gérard Ndikumana wo ku mutumba Kavumu wa zone Muyira, muri komine Kanyosha y’intara ya Bujumbura, yaraye afatanywe imyambaro umunani y’imipira y’imbeho, ikoreshwa n’igipolisi, mu gihe igipolisi cari cazindutse mw’isaka. Mu gipolisi basaba uwo wese afise ibikoresho canke imyambaro ya gisirikare kubisubiza kugushaka kwabo, ngo nayo ahandi amategeko azokurikizwa. Gérard Ndikumana akaba apfungiwe mu gasho k’igipolisi ku Muyira.
VI. Abanyororo bo mw’ibohero rikuru rya Muyinga bafise icizere co gusubira kuronswa ibifungurwa bikwiye basanzwe bagenewe. Ivyo babivuga bafatiye kw’ikete umuyobozi mukuru w’amabohero mu Burundi aherutse kwandikira abayobozi bose b’amabohero abagabisha, yongera abasaba gufungurira abafungwa hakurikijwe ingero zizwi n’amategeko.