I. Hari umuntu ataramenyekana yaraye yishwe akubiswe, n’urwaruka rw’imbonerakure muri komine Buganda intara ya Cibitoke. Amakuru ya mbere avuga ko yagirijwe ko ari umusuma, ayandi makuru akaba avuga ko yoba ari umwe mu mbonerakure zari zivuye muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Amakuru ava aho I Buganda akamenyeshako iyicwa ryiwe ryoba rifitaniye isano no kuzimanganya amatohoza ku bijanye n’urwaruka rw’imbonerakure rujanwa gufasha igisirikare c’Uburundi kugwana mu gihugu ca Congo.
II. Imiryango y’abasirikare baguye mu ntambara zimaze imisi zivugwa mu buseruko bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, muri Kivu y’ubumanuko, bavuga ko batabwirwa ko ababo bapfuye n’iyo bapfiriye. Aho ni mu gihe mu masoko ya radiyo Inzamba mu gisirikare, avuga ko hari abaheruka gutahukanwa bakomeretse bazanywe kuvuzwa. Mu gisirikare c’Uburundi ntaco barashima gushikiriza ku bijanye n’uko inteko z’Uburundi ziri mu ntambara mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko.
III. Abanywanyi b’umugambwe CNL bo muri komine Kayogoro bariyamiriza itotezwa rimaze imisi rikorerwa zimwe mu ndongozi zabo. Ivyo ngo bigakorwa n’abajejwe intwaro, iperereza hamwe n’igipolisi bafadikanije n’urwaruka rwa CNDD-FDD ari na rwo rukoreshwa mu kurondera ivyo bagiriza izo ndongozi.
IV. Abarundi bahungiye i Kakuma mu gihugu ca Kenya barahohoterwa bakamburwa ivyabo. Bagiriza impunzi ziva mu gihugu ca Soudani n’abanyakenya bo mu bwoko bw’aba Turkana. Urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’impunzi ziba mu makambi CBDH-VICAR, ruriyamiriza ako gatotezo rugasaba igihugu ca Kenya gukingira impunzi z’abarundi bahungiye muri ico gihugu.
V. Abigisha bo kw’ishure ry’abigenga École Indépendante bazindutse bahagarika akazi mu gatondo ko kuri uyu wa kane. Abo bigisha bababazwa no kubona imishara yabo itakizira igihe kandi ntiyongerezwe, nk’ukwo babisezeranye n’umukoresha. Rénovat Manirakiza arongoye sendika y’abo bigisha, avuga ko bazindutse bagiriranira ibiganiro ariko ko babangiriye ihagarika ry’akazi. Amakuru dukura kuri iryo shure amenyesha ko bamwe mu bigisha batashimye iyo ngingo, kuko ku bwabo batari gusubira gukora bataronse ivyo basaba.
VI. Urusansuma ruriko rutegurwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu rufatiye ku bwoko n’intara ku bakozi ba leta no ku bandi bakora mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu, ntirukenewe na gato ahubwo hashobora kuba hari iciyenyegeje inyuma yarwo. Bamwe mu bakozi ba leta baganiriye na Radiyo Inzamba basaba abarundi kurikanura.
VII. Abarundi bari mu bihugu vya buraya basanzwe bari mu runani FODIB bariyamiriza umugambi wa leta wo gushinga ikarata ndangadiaspora. Bishikirizwa na Oscar Butare arongoye urwo runani. Ku bwiwe ngo iyo karata ije gucamwo imigwi abarundi bari mu mahanga, kuko uwutazoba ayifise azofatwa nk’uwutari kumwe n’ubutegetsi bw’i Gitega, na cane cane bisa no kurihisha ikori ku basanzwe bataba mu gihugu. Ni mu gihe leta ya CNDD-FDD ifise umugambi wo gushiraho ikarata ndangadiaspora izogurwa amadorari mirongo itanu y’abanyamerika azotangwa ku mwaka.
VIII. Imyaka icenda irarumanye isoko nkuru yo mu gisagara ca Bujumbura ihiye iratokombera. Abadandaza bo muri iryo soko bahatakarije ibintu vyinshi babona biriko birasha atawe batakambira. Ibidandazwa nka vyose ntivyari bikingiwe muma Assurances. Kuri uwo musi, ama camions yose ya Kizimyamoto yari mu gisagara ca Bujumbura yari yapfuye. Tugaruke kuvyaranze uyo musi.
IX. Abahoze bafise ibibanza mw’isoko nkuru ya Bujumbura bakwiye gusubizwa agateka kabo mu gushumbushwa. Ivyo bisabwa na Gabriel Rufyiri, kw’izina ry’ishirahamwe OLUCOME, rirwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, mu gihe haheze neza na neza imyaka 9 isoko nkuru ya Bujumbura ihiye. Agasaba leta gushiraho umugambi ujanye n’ingene ayandi masoko asigaye yokingirwa.
X. Ibihugu umunani bizobandanya amahiganwa mu gikombe c’Afrika c’umupira w’amaguru mu gice ca kane gishira ica nyuma vyose vyaraye bimenyekanye. Ico gice kizotangura ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 29 aho Cameroun izotana mu mitwe na Gambiya, igihugu ata n’umwe yari yiteze ko gishika kuri iyo ntambwe. Inyuma y’urwo rukino hazoca hakurikira uruzohuza Burkina Faso na Tuniziya. Ku musi w’Imana isaha 11 z’umugoroba hazoca uwambaye hagati y’ibihugu bikebana cane, Maroc na Misiri. Ivyo bihugu vy’abarabu iyo bihuye urukino ntirworoha. Isaha zitatu z’ijoro, izo nkino z’igice ca kane gishira ica nyuma zizoca zisozerwa n’urukino ruzohuza Sénégal na Guinée Equatoriale, nayo nyene igeze ku ntambwe benshi batari biteze. Kugeza kuri iyo ntabwe, Vincent Aboubakar kizigenza wa Cameroun niwe afise ibitsindo vyinshi, aho ageze kuri 6.