Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 27/01/2023

Publié le 27 janvier 2023 par Rédaction
I. Inzego zitandukanye zo mu ntara ya Gitega, bazindutse bakora amatohoza ku vyaraye bishikirijwe n’umukenyezi asanzwe ari umunyamabanga kw’ishure Lycée Christ Roi ryo ku Mushasha, ko umuyobozi w’iryo shure yoba ashurashuza abana ajejwe kurera. Icateye amakenga bamwe mu bigisha, n’ukwo abandi bose basambishirijwe kw’ishure, ariko uwo mukenyezi akajanwa mu biro vy’igendereza i Gitega. Bamwe bakabona ko hoba hari umugambi wo gukingira ikibaba uwo muyobozi.
II. Imyidogo ni myinshi mu bavyeyi b’abanyeshure bo kw’ishure ritoya rya Nkanda muri komine Bugendana, ni mu ntara ya Gitega. Indya zitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ibifungurwa PAM kugira zigaburire abo bana, zimaze imisi zinyuruzwa n’abarongoye iryo shure. Ingaruka mbi zigaca zigaragaza kuri abo banyeshure.
III. Abanyeshure bashika 300 ni bo bahevye ishure muri komine ya Mwakiro y’intara ya Muyinga, mu gice ca mbere c’umwaka w’ishure wa 2022 ushira 2023, nk’uko amakuru ava mu ntwaro muri komine Mwakiro avyemeza. Musitanteri wa komine Mwakiro, Joselyne Baranyanka, akavuga ko intwaro ifadikanije n’abajejwe indero muri komine, bagiye guhagurukira ico kibazo c’abana baheba ishure.
IV. Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca ahamagarira umukuru wigisagara ca Bujumbura gutorera umuti ibibazo bihanze komine Mukaza, Ivyo yabishikirije kuri uno wa kane mu nama yagiranye n’abanyagihugu bo muri iyo komine. Mu bibazo bamutuye hakaba harimwo ikibazo kijanye na cooperative Sangwe, ubu isa n’iyigoyagoya.
V. Uwurongoye parquet ya Rutana hamwe n’uwahora arongoye igendereza muri iyo ntara bariko barakurikiranwa n’ubutungane bwo muri iyo ntara. Umushikirizamanza wa republika mu ntara ya Rutana akwirikiranwa ku caha co kudatabara umuntu ari mu kaga, mu gihe Pépin Habimana yahora arongoye igendereza, akurikiranwa ku caha co guhohotera umudandaza, ari na we bivugakwo atatabawe n’uwo arongoye parquet ya Rutana. Hari mu kwezi kwa cenda umwaka uheze.
VI. Imyidogo ni myinshi mu mpunzi z’abarundi bari i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya. Iyo myidogo ikaba ifatiye kw’ipakirwa ry’imiti yose yo muri farumasi yo ngaho mw’ikambi, ikaba yapakiwe n’abapolisi bafadikanije n’abajejwe intwaro aho nyene i Nyarugusu ; hari ku musi wa kabiri w’iyi ndwi. Nyene iyo farumasi akaba yari impunzi y’umurundi, nawe nyene akaba yaciye atwarwa n’igipolisi ubu akaba atawuzi iyo yatwawe. Izo mpunzi zikavuga ko iyo farumasi yahora ibafasha kuronka imiti mu gihe yabuze ku yandi mavuriro.

Ibindi bisa n'ibi