Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 27/02/2021

Publié le 27 février 2021 par Rédaction
I. Inama igira 21 y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa EAC yabaye kuri uno wa gatandatu biciye ku buhinga bwa Internet. Iyo nama yari irongowe n’umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame, yari aramutse asozera ikiringo ciwe yaramazemwo imyaka 2 ku mvo z’ikiza ca Covid-19 cazingamitse ibikorwa vy’uwo muryango. Iyo nama yari yitabwe kandi n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, Yoweri Kaguta Museveni wa Ouganda, Uhuru Kenyata wa Kenya, Salva Kiir wa Soudani be n’icegera ca presida John Pombe Magufuri wa Tanzaniya. Iyo nama yahavuye igena Presida wa Kenya Uhuru Kenyatta gukorera mu ngata mugenzi we w’Urwanda. Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, mw’ijambo ryiwe yashimiye ibihugu vy’akarere ko vyafashije kugira impunzi z’abarundi ziri muri ivyo bihugu zitahuke, yanasavye ko vyoshishikara muri iyo ntumbero. Evariste Ndayishimiye yashimiye kandi igikorwa cakozwe na Libérat Mpfumukeko yasubirijwe nk’umunyamabanga w’uwo muryango wa EAC, akaba asozereye ikiringo ciwe yagiririzwa kuba yaranyuruje amafaranga agera ku miliyoni 10 z’ama dolari y’abanyamerika, ivyagiriji ariko atigeze yemera. Libérat Mpfumukeko yasubirijwe n’umunya Kenya, Peter Mathuki.
II. Ikiziga c’umuntu caraye gitowe mu bucagucagu bwo kuri uyu wa gatanu, ku mutumba na zone Muyange muri komine Nyanza-lac, mu ntara ya Makamba. Uyo muntu yicishijwe amahiri nk’uko inkuru ziva mu gipolisi zibimenyesha.
III. Umuyobozi w’ishure rya Lycée Rukaramu iri muri komine Mutimbuzi, yaratowe ikiziga mu gatondo k’uno wa gatanu, hafi y’ikibuga c’indege ca Bujumbura. Eric Nijenahagera akaba yari umunywanyi akomeye cane mu mbonerakure z’urwaruka rwa CNDD-FDD. Pacifique Nininahazwe umwe mu baharanira agateka ka zina muntu amenyesha ko ico ari ikindi kimenyetso cerekana ko intwaro ishingiye ku rwanko no kutubahiriza agateka ka zina muntu, atawe igera umutwe.
IV. Imyidogo ni myinshi ku bantu 70 baguze ibibanza vyo kwubakamwo na musitanteri wa komine ya Ndava iri mu ntara ya Mwaro, Aloys Ndenzako. Bemezako ko basanze ibibanza baguze vyegukira ubushikirangi bw’uburimyi n’ubworozi, ariko gushika ubu bakaba batarasubizwa amafaranga baguze ivyo bibanza canke ngo baronswe ibindi bibanza. Bagasaba ubutegetsi ko bwobatunganiriza.
V. Imyidogo ni myinshi ku borozi b’inka bafise amararo muri komine Kanyosha mu ntara ya Bujumbura. Ni mu gihe Buramatari w’iyo ntara Nsengiyumva Désiré amaze kubasaba kwimuka ngo bazitware ahandi. Iyo ngingo ikaba itanejereje abo borozi kuko ivyo bibanza bari babihawe na Reta kuva mu mwaka 2004, kandi ngo buramatari naho ariko arabimura atakindi kibanza yaberetse co kubandanya bororeramwo izo nka.  Nk’uko umwe muri abo borozi yaganiriye na radiyo Inzamba abivuga, abo borozi basaba reta ko yobaronsa ibindi bibanza vyokororeramwo.
VI. Ikigabane kw’Isôko c’uyu musi kigaruka ku ngingo yo kubuza ibitungwa vyose gusubira kurisha ku misozi yategerezwa kuzoja mu ngiro guhera kw’igenekerezo rya 16 Myandagaro uno mwaka. Ikiringo c’imyaka 3 yo kwitegura catanzwe na Reta ku borozi kizoba carangiye. Aborozi bakiriye gute iyo ngingo ? Hari akarusho izobazanira ?

Ibindi bisa n'ibi