Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 27/02/2023

Publié le 27 février 2023 par Rédaction
I. Abaharanira agateka ka muntu 5 vyari bitegekanijwe ko kuri uyu wa mbere barenguka muco bita chambre de conseil kugira bumvirizwe muri sentare nkuru ya Ntahangwa. Ariko rero, nk’uko amakuru yavuye mw’ibohero rya Mpimba aho bafungiwe avyemeza, bahavuye bamenyeshwa ko ata modoka ihari yobunguruza. Ayo makuru akabandanya avuga ko baciye bumviririzwa mw’ibohero nkuru ya Mpimba, ariko akaba ata makuru aramenyekana uko vyabandanije. Sonia Ndikumasabo, arongoye ishirahamwe ry’abakenyezi bize amategeko AFJB, Marie Emerusabe, umuyobozi ajejwe gutunganya ibikorwa muri iryo shirahamwe, Audace Havyarimana, aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe riharanira amahoro n’agateka ka muntu APDH hamwe na Sylvana Inamahoro bose bafatiwe igihe kimwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura ku wa 14 Ruhuhuma 2023 bashaka kwurira indege bagiye mu gihugu c’Ubuganda, mu gihe Prosper Runyange we yafatiwe i Ngozi kuri iyo taliki nyene. Uyo nawe akaba ajejwe umugambi wa APDH ujejwe gukurikirana ibijanye n’amatongo. Abaharanira agateka ka muntu bakaba badasiba kubavugira basaba ko bidegemvya kuko ata caha bakoze, uretse ko bariko bazira akazi kabo.
II. Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 27 Ruhuhuma, isi yose irahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike. Mu Burundi ngo uwo munsi ushitse amashirahamwe agera kw’icumi yarafuswe, hamwe n’iburabuzwa ry’abanywanyi b’amashirahamwe agikora. Umwihwezo w’umushingwamanza Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC, ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike. Vital Nshimirimana akababazwa n’ukungene ubutegetsi bubandanya kwivanga mu bikorwa vy’ayo mashirahamwe kandi yategerezwa gushikigira ibikorwa vyayo.
III. Umunyororo w’imyaka cumi n’itanu ni wo waciriwe kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 24 kuno kwezi abanyatanzaniya 6 bagandaguye abarundi babiri kw’igenekerezo rya 13 z’uku kwezi kwa kabiri uno mwaka, mw’ikambi y’impunzi ya Nduta. Mu runani rw’amashirahamwe y’abarundi aharanira agateka k’impunzi CBDH-VICAR, bavuga ko ari uguhuma amaso amakungu kuko muri ico gihugu icaha nk’ico gihanishwa umunyororo wo guherayo. Mu rwandiko rwasohotse kuri uyu w’Imana, Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urwo runani, asaba ko n’abandi bagirizwa amabi atandukanye akorerwa impunzi boshengezwa imbere y’ubutungane.
IV. Abanyeshure 700 ni bo bahevye ishure mu gice ca mbere c’umwaka w’ishure wa 2022 ushira 2023 mu buyobozi bw’indero muri komine ya Gasorwe mu ntara ya Muyinga, nk’uko amakuru ava aho i Gasorwe avyemeza. Mu mvo zituma abana baheba ishure havugwa ubukene mu miryango, indwara, hamwe no kutamenya akamaro k’ishure.
V. Igisirikare c’Uburundi mu ntumbero yo kwitegurira ibikorwa vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko mu gihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi, giherutse gukura ibimodokari bitwara abasirikare mu gipolisi c’Uburundi bishika cumi. Ivyo akaba ari bimwe mu bikoresho bizokenerwa n’izo nteko zegeranirijwe ahitwa ku Mudubugu imbere y’uko zijabukanwa mu gihugu ca Congo, mu ntara ya Kivu yo mu buraruko.
VI. Umwigeme w’imyaka 22 azwi kw’izina rya Rose Nibaruta wo ku musozi Kigarama, komine Butaganzwa n’intara ya Kayanza, ariko avurirwa kuva ku musi wa gatandatu w’indwi iheze mu bitaro vy’akarere ka Musema biri muri komine ya Butaganzwa. Ni inyuma y’aho kuri uwo musi nyene uwo mwigeme yakuwe n’abajejwe intwaro mu kazu ka surwumwe yari yikororeyemwo we nyene, mu gihe vyari bimaze kumenyekana ko yari yataye umwana wiwe w’amezi atatu muri ako kazu ka surwumwe nyene.
VII. Imyidogo ni yose mu borozi bo mu ntara ya Makamba, ni mu bumanuko bw’igihugu. Urwaruka rw’imbonerakure rufadikanije na bamwe mu bategetsi bo mu nzego zo hasi barihaye uburenganzira bwo kwaka igiturire aborozi, kugira ngo babareke ibitungwa vyabo bije kurisha mu matongo yabo.
VIII. Mu makuru y’inkino, ihiganwa ry’umupira w’amaguru ku rwego rw’igihugu mu mpera z’iyi ndwi zari ku ndwi igira 21. Muri Basketball, inkino zitangurira ihiganwa nyezina zarabandanije. Na yo muri volleyball inkino nk’izo zizotangura mu mpera z’iyindwi.

Ibindi bisa n'ibi