Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 27/03/2023

Publié le 27 mars 2023 par Rédaction
I. Leta y’Uburundi ikwiye guhagarika itotezwa n’ipfungwa bikorerwa abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi. Biri mu rwandiko ishirahamwe riharanira rikongera rigatera intege abaharanira agateka ka zina muntu ESDDH mu mpfunyapfunyo, ryasohoye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 27 uno mwaka. Rifatiye ku bafunzwe ata makosa agaragara bagirizwa, iryo shirahamwe risaba ubutungane bw’Uburundi kwikubita agashi bukaba akarorero mu gukurikiza no kwubahiriza amategeko akingira abaharanira agateka ka zina muntu. Bitabaye uko, ngo buzoba buriko buracafuza ishusho ry’igihugu.
II. Imyidogo ni myinshi ku banyagihugu bo mu ntara ya Kayanza. Ni mu gihe batozwa   amafranga yo kuzogurira inka uwurongoye umugambwe CNDD-FDD muri iyo ntara. Amakuru dukura muri iyo ntara amenyesha ko uwurongoye umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Kayanza, yateguye ingendo zo kugendera ama zone agize iyo ntara. Ivyo bigatuma abanyagihugu baba muri iyo ntara batangishwa amafranga igihumbi ku ngo, hamwe n’ibihumbi bitanu ku badandaza, iyo ntererano ikongera igatozwa ata gitansi batanze. Abanyagihugu bo muri iyo ntara bagasaba ko iyo ngendo yo gutoza amafranga yohagarikwa, na rirya bari mu bukene budasanzwe.
III. Scholastique Niyonsavye ni we musitanteri mushasha agiye kurongora komine ya Muhuta mu ntara ya Rumonge. Yatowe kuri uno wa mbere igenekerezo rya 27 Ntwarante umwaka wa 2023 n’abagize inama mpanuzwajambo y’iyo komine. Scholastique Niyonsavye akaba asubiriye Domitille Ntunzwenima, yaheruka guhagarikwa muri ayo mabanga n’itegeko nshikiranganji. Akaba yagirizwa kunyuruza ibikoresho vyari bigenewe kwubakisha amashure muri iyo komine ya Muhuta, ibikoresho vyari vyatanzwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu. Domitille Ntunzwenima, akaba yaciye agira musitanteri wa 4 abogojwe mu mabanga mu ntara ya Rumonge, inyuma y’abasitanteri b’ama komine ya Rumonge, Bugarama  na Buyengero, na bo nyene bagirijwe bagirijwe icaha co kunyuruza ibikoresho vyari bigenewe kwubakisha amashure muri ayo ma komine nyene.
IV. Amafranga ya leta y’Uburundi y’umwaka wa 2022 hamwe n’imigambi ya leta vyaranzwemwo utunenge twinshi. Ivyo vyagaragaye mu cegeranyo cakozwe n’umugwi w’abahinga basanzwe basuzuma ukwo imigambi ya leta itunganywa. Vyashikirijwe mu kiganiro co kuri uyu wa mbere cahawe abamenyeshamakuru n’ishirahamwe PARCEM, ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo ngo bashike kw’iterambere rirama. Faustin Ndikumana arirongoye, asaba leta y’Uburundi kwisunga icegeranyo c’abo bahinga mu vy’ubutunzi, kugira bakosore utunenge twibonekeje kugira igihugu gitere imbere.
V. Mu makuru y’inkino, muri Basketball, umugwi w’Urunani waraye werekanye ko ari ntayegayezwa muri bino bihe mu gutsinda Gymkhana ejo, inyuma y’aho ku munsi wa gatandatu wirahiye Dynamo. Urunani rukaba rwaraye rutahukanye igikombe c’inkino zitanguza ihiganwa rya Basketball ku rwego rw’igihugu. Mu mupira w’amaguru naho mu rukino rwa kivukanyi rwahuje intamba mu rugamba na Indonesie, Intamba zatsinzwe bitatu kuri kimwe.

Ibindi bisa n'ibi