Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 27/04/2020

Publié le 27 avril 2020 par Rédaction

I. Mu ntara ya Ngozi hari hakoraniye abanywanyi batari bake baharurwa mu bihumbi b’umugambwe CNL, baje gushigikira umukandida wabo, Agathon Rwasa. Ku kibuga c’inkino ca Muremera aho bahuriye, amajambo yo kunegura politike yiswe yo kurementanya, niyo yumvikanye. Muvyo Agathon Rwasa yemereye abarundi, nuko agiye gusubira kunagura imigenderanire n’ibihugu bibanyi, abicishije mu kwubaka amabarabara harimwo nay’indarayi, yo guhananana ibidandazwa.

II. Umugambwe CNDD-FDD watangurije ibikorwa vyo kwiyamamaza muri komine Bugendana, intara ya Gitega. Mw’ijambo ryashikirijwe n’umukandida w’uyo mugambwe, Evariste Ndayishimiye, yagumye  agaruka cane kukungene azogamburukira Petero Nkurunziza, mu gushira Imana imbere, ari na wo mugambi azotangura kurangura. Akaba yanashimye imigambwe yindi yemeye kumushigikira.

III. Ishirahamwe AC Génocide Cirimoso riratewe amakenga n’ukuntu umugambwe CNDD-FDD utora gutangurira imyiyamamazo muri komine ya Bugendana. Iyo ni yo komine yasinzikajwe cane n’ubwicanyi bwakozwe n’abarwanyi b’uwo mugambwe, mu mwaka wa 1996, ukiri umuhari urwana, ahagandaguwe abanyagihugu bo mu bwoko bw’abatutsi barenga 600. S’ukuvuga ko ariho bizeye gukura abanywanyi bazobatora benshi gusumba ahandi, ivyo vyose biri mubibazo Thérence Mushano, icegera c’uwurongoye ishirahamwe AC Génocide Cirimoso yibaza.

IV. Nta bitangaza bizova mu myiyamamazo yatanguye kuri uyu wa mbere, canke mu matora yo mu kwezi kuza. Ivyo bivurwa na Thierry Vircoulon, umushakashatsi mu kigo c’abafaransa kijejwe ivy’imigenderanire n’ayandi makungu. Arerekana ko n’abatavuga rumwe na leta, bari mw’ihiganwa bazi neza ko batazotsinda uwuserukira umugambwe uri ku butegetsi. Ati nta kinini rero umuntu yokwitega muri ayo matora. Thierry Vircoulon yabivugiye kuri uyu wa mbere kw’iradio y’abafaransa RFI.

V. Ukwiyamamariza amatora yimirije y’umukuru w’igihugu, bitanguye mu gihe ama radiyo n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, vyazimanganijwe n’ubutegetsi mu Burundi. Abo mu migambwe itavuga rumwe na leta nabo bagatotezwa. Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa mbere n’ishirahamwe mpuzamakungu Human Rights Watch, rirwanira agateka ka muntu kw’isi. Ku bw’iryo shirahamwe kandi ngo ukwo kwiyamamaza, gutangujwe mu gihe abantu 15 bamaze kwemezwa na leta kuba baranduye ikiza c’umugera wa corona.

VI. Leta y’Uburundi yerekana inyifato yerekana ko itanezwe abanyagihugu mu gutanguza imyiyamamazo y’amatora yimirije, mu gihe isi yose ihanzwe n’ikiza ca coronavirus. Umuhari “Tournons la page” ubona ko icari kuza imbere, ari amagara y’abanyagihugu, imbere yuko bashira imbere amatora. Bishikirizwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, ajejwe gutunganya ibikorwa mu muhari “Tournons la page”, igisata co mu Burundi, agahamagarira abanyagihugu kwibako mu kwikingira ikiza ca coronavirus.

VII. Abarongoye ubuzi benshi bakorera mu ntara ya Muyinga bafise imodoka za leta, bagiye i Bugendana ahabereye imyiyamamazo, batwaye imiduga ya leta, n’aho umugwi CENI wari wavuze ko kizira ko abiyamamaza bakoresha imodokari za leta, nkuko amakuru dukura mu ntara ya Muyinga avyemeza.  Ku bijanye n’uruja n’uruza mu mabarabara, abashoferi ntibubahirije igitigiri kizwi n’amategeko, nk’uko urwandiko rwavuye mu bugenduzi bukuru bw’igipolisi rwabitegeka. Eka n’abagendesha amapikipiki, iyo ngingo ntibayubahirije kuko usanga uwugendesha ipikipiki atwara abantu 3. Ayo makuru akavuga ko abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD baba bato canke bakuru, batubahirije amategeko agenga imyiyamamazo y’amatora yatanguye kuri uyu wa mbere.

Ibindi bisa n'ibi