I. Imiliyoni 200 z’amarundi ni zo zibwe mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu mu gisagara ca Bujumbura, kw’ibarabara ryitiriwe Melchior Ndadaye. Nk’uko amakuru atangwa n’ababibonye abivuga, imodoka zibiri zo mu bwoko bwa double cabine zera zitagira imparati, zirimwo abambaye impuzu z’igipolisi c’abacungera inzego, zaje zikurikira imodoka yo mu bwoko bwa Probox yegukira umurwizatunga Lionel batazira Radja, yari ivuye ahakorera Aquavie, irimwo abantu babiri n’umushoferi batwaye amahera ashika imiliyoni 200 yaragiye kubikwa mw’ibanki. Niho izo modoka zibiri zaca zimuzibira. Umushoferi abuze isaganirizo aca arugara imodoka, ariko baciye bayimena bakoresheje inkoho baca bafatirako inkoho abari muri yo. Ayo mahera yose baciye bayatora baca batumbere mu gisagara atacamira. Amakuru ava mu gipolisi akavuga ko catanguye amatohoza.
II. Abantu batatu nabo nibo bamaze gukomeretswa n’abantu bitwaje imipanga muri karitiye Jabe, muri komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura mu kiringo c’imisi 4 gusa. Abanyagihugu baba ngaho kw’i Jabe bakavuga ko badatahura ingene umutekano uhungabana kandi hariho igipolisi cabwirizwa kuza gukizura. Basaba abajejwe intwaro kubafasha kugira umutekano wabo ukingirwe.
III. Leta y’Uburundi ikwiye gukora amatohoza yimbitse, ikanahana abagirizwa ubwicanyi n’ukunyuruza abantu. Bivugwa n’ishirahamwe rukristu rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi. Ni mu gihe hamaze iminsi hanyuruzwa abantu, mu nyuma ibiziga vyabo bigatorwa mu bitaro bitandukanye vyo mu gisagara ca Bujumbura. Jean-Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri iryo shirahamwe, amenyesha ko bitangaje kubona Leta yica amatwi ku biba mu gihugu, kandi amabi yo kwica no kunyuruza abantu adasiba kwiyongera mu Burundi.
IV. Igipolisi ca Tanzaniya gifadikanije n’abasungusungu carakoze isaka mw’ikambi ya Nyarugusu kuri uno wa kabiri. Intumbero kukaba kwari ukurondera ababa muri iyo kambi batabifitiye uburenganzira, nk’ukwo amakuru ava aho mw’ikambi abivuga. Ikindi cibonekeje muri iyo kambi ni ifatwa ryabaye kuri uno wa mbere ry’impunzi zari zariyandikishije ngo zihunguke, mu nyuma zirabihindura ntizaba zigihungutse.
V. Ubukene bw’igitoro co mu bwoko bw’amazutu na essence ni ikibazo gihagaritse umutima abanyagihugu muri rusangi, baba abiyunguruza canke abunguruza ibidandazwa mu ntara ya Muyinga. Amakuru ava muri iyo ntara amenyesha ko ama agence y’imodoka zunguruza abantu yagabanije ingendo, ibica bibangamira abafata ingendo.
VI. Ubwo bukene buribonekeza no mu ntara za Rutana na Makamba. Inyuma y’amezi arenga atatu ata gitoro kiboneka ku ma stations, ama modoka n’amapikipiki ahitamwo kuja kurondera ico gitoro mu zindi ntara, ivyatumye ibikorwa bimwe bihagarara eka n’ibiciro bikaduzwa ku biyunguruza.
VII. Ico gitoro ngo copfuma kiduzwa igiciro ariko kikaboneka. Ivyo ni ibishikirizwa na bamwe mu bagendesha imiduga n’amapikipiki bo mu ntara ya Kayanza. Ni mu gihe hari haheze hafi indwi zibiri zose ata gitoro co mu bwoko bwa essence kiboneka ku bituro bitandukanye, biri mu gisagara ca Kayanza. N’icabonetse kuri uyu wa kabiri, abagitondeye kuva mu gitondo co kuri uwo musi, kugeza nk’igihe c’isaha indwi z’umutaga zo kuri uwu wa gatatu, batari bwashikirwe.