Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 27/04/2023

Publié le 27 avril 2023 par Rédaction
I. Umunywanyi w’umugambwe CNL wo muri komine Ntega mu ntara ya Kirundo kuri uno wa kabiri, yarafashwe n’inyamiramabi ariko gushika ubu abo mu muryango wiwe ntibazi iyo yajanywe gupfungirwa. Basaba ko uwabo atogirirwa nabi.
II. Ihagarikwa ry’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni, ryategerezwa gukurikirwa n’amatohoza y’ubutungane ku mabi yakozwe n’inzego z’umutekano mu gihugu, mu gihe yari arongoye umutekano. Niko bibonwa na Clémentine de Montjoye, umushakashatsi ku mugabane wa Afrika mw’ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka muntu Human Rights Watch. Agasaba ubutungane bw’Uburundi kwigenga muri ayo matohoza kugira hazocirwe urubanza rukurikije amategeko, budakoreye ku mvo za politike canke iz’umugambwe.
III. Abajejwe intwaro ku rwego rw’intara ya Muyinga baratewe umutima uhagaze n’igitigiri c’abana bo mw’ibarabara, kiguma ciyongera ku mugwa mukuru w’iyo ntara, aho haharurwa abarenga 200 nk’uko amashirahamwe aharanira ineza y’abana abimenyesha. Umuyobozi mwishikira mu biro vya Buramatari, Denise Ndaruhekere, ahanura abana kwumva impanuro bahabwa n’abavyeyi babo, kugira bagume mu miryango iwabo. Uwo mutegetsi agahimiriza n’abavyeyi gusubira ku ndero y’abana, bakabereka urukundo, bakabiyegereza mu kubaha vya nkenerwa kugira bakurire mu muryango.
IV. Imyidogo ni myinshi mu bigisha mu mashure yisumbuye bo mu ntara ya Cankuzo. Bidoga bavuga ko amafranga atangishwa abavyeyi kugira ngo bategure abanyeshure bazokora ikibazo co guheza igice ca kabiri c’amashure yisumbuye, ko batizeye ko ayo mafranga agera ku 1,000 buri munyeshure ku bagera ku 6,000 bazoheza ico gice c’amashure mu ntara, azokoreshwa neza. Ikindi bidogera, ngo ni ka mwana wa mama n’ibiturire birangwa muri ico gisata mu gucagura abacungera ibibazo vya Leta.
V. Imyidogo ni myinshi ku bavyeyi barereye ku mashure amwe amwe yo muri komine Burambi y’intara ya Rumonge, bidogera bamwe mu bayobozi b’amashure ari muri iyo komine. Babagiriza kubatoza amafranga n’ibifungurwa bitwaje ko ari ibizokoreshwa mu gihe co gukora ikibazo co mu mwaka w’icenda w’ishure shingiro. Abo bavyeyi  bagasaba gusubizwa ivyo banyazwe. Basaba kandi ko abana babo birukanywe bosubizwa kw’ishure.
VI. Imishahara y’abakozi ba leta bagera ku 432 yarahagaritswe muri uku kwezi kwa kane. Ni inyuma yaho ubushikiranganji bw’abakozi ba leta bwiketse yuko hari abakozi bariho ku mazina gusa ariko badakora, babandanya bahembwa. Vyamenyeshejwe kuri uyu wa kane n’umushikiranganji w’akazi n’abakozi mu kiganiro n’abamenyeshamakuru. Déo Rusengwamihigo atumira abakozweko n’iyo ngingo kwegera ubuyobozi bukuru bw’abakozi ba leta bitwaje ibibaranga, hamwe n’urwandiko rwemezako bakiri ku kazi.

Ibindi bisa n'ibi