I. Hari akajagari kariko kibonekeza mw’isekeza ryo gutoza ikori ry’agataka ririko rikorwa n’abakozi ba komine Muyinga, ku mugwa mukuru w’iyo komine. Ako kajagari kavugwa aho bafata umwana akuze canke umukozi wo mu nzu mu gihe badasanze Serugo canke umukenyezi wiwe i muhira, bagaca birirwa barayerereza abo baba bafashe. Iyo ngendo ikaba inegurwa na bamwe muri abo batangakori.
II. Impungenge ni nyinshi mu bavyeyi bafise abana b’imicuko mu ntara ya Ngozi. Batinya ko abana babo bazohava bagwara indwara zo gufungura nabi, kuva aho ubutegetsi bufashe ingingo yo kubuza abanyagihugu kunywa amata y’inka mu ntumbero yo kubakingira ingaruka z’indwara y’isuna yafashe inka n’impene, haraheze amezi abiri arenga. Basaba abajejwe kugenzura amagara y’ibitungwa, kugira ibishoboka vyose kugira ngo ivyo bitungwa bivugwe.
III. Kugabanya igitigiri c’abakenyezi bitaba Imana bariko baribaruka, ni kimwe mu vyo ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwiyemeje. Vyamenyeshejwe n’umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji. Yari aramutse atanguza kuri uyu wa gatanu ibikorwa vy’umusi mpuzamakungu wahariwe abanonosoye ivyo gufasha abavyeyi kwibaruka, vyabereye mu nyubakwa z’ishure ry’ubuvuzi INSP. Icigwa cakozwe mu 2017, cerekana ko abakenyezi 334 ku bakenyezi 100.000 bapfuye bariko baribaruka. Kugira ico gitigiri kigabanuke, hakenewe ko ababafasha kwibaruka bokwongerezwa nk’ukwo bivugwa na Jean Baptiste Nzorironkantevye, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu. Uwo musi wahariwe abakenyezi b’abakirizi usanzwe uhimbazwa italiki 5 z’ukwezi kwa gatanu.
IV. Imyidogo ni myinshi mu bavyeyi barereye kw’ishure shingiro rya ECOFO Mutakura biga mu mwaka w’icenda. Abo bana bagera kw’ijana na batanu bamaze hafi indwi yose batiga biturutse ku mafranga igihumbi umuyobozi w’iryo shure ariko atangisha abavyeyi, avuga ko ari ayo gutegura igice ca gatatu c’umwaka w’ishure. Abo bavyeyi bakaba baranse kuyatanga bakavuga ko ari ayo uyo muyobozi ashaka kunyuruza.
V. Ingingo zibiri zafashwe na leta hamwe n’abari barongoye ishirahamwe ONATEL mu mwaka wa 2009, iya mbere ikaba yari iyugurwa mw’ishirahamwe ONATEL ry’abandi banyamitahe bazana imitahe yabo, iya kabiri akaba ari iyibuza ONATEL kudasubira gukora igikorwa na kimwe kijanye n’ivyo kwiteza imbere, ivyo bita investissement mu gifaransa. Izo ngingo zibiri, ni zo zatumye iryo shirahamwe rya leta rigera aho rigeze uyu musi. Ivyo tukabisanga mu rwandiko abakozi ba ONATEL banditse bavuga ko vyose vyabaye basemerera, kuko kuva ico gihe ONATEL yari ihejeje gushirwa mu mayira abiri na leta ubwayo.
VI. Imifuko y’isukari irenga mirongo itanu ni yo yafashwe mu gisagara ca Rumonge kuri uyu wa gatanu. Ivyo bibaye mu gihe hari hamaze imisi havugwa ko hari amanyanga yibonekeza mw’itangwa ry’iyo sukari muri iyo ntara. Abanyagihugu bagasaba ko botunganirizwa mu guhabwa isukari hatabayemwo aka mwana wa mama.
VII. Imyaka itanu iraheze urubanza rw’abasirikare 21 bahagaritswe inyuma y’igitero cabaye kw’ikambi y’abasirikare ya Mukoni mu ntara ya Muyinga rutaburanishijwe mu ntahe y’icese. Bivugwa n’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi arongoye igisata c’amategeko mw’ishirahamwe ACAT Burundi. Mw’itangazo ryasohotse kuri uyu wa gatanu, iryo shirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ririyamiriza ihonyangwa ry’amategeko ryagiye riraranga urwo rubanza kuva abo basirikare bagifatwa. Me Jean Claude Ntiburumunsi abona ko ubutungane bw’Uburundi bwafashe intumbero yo gushaka gutoteza abanyororo bapfungiwe ivyaha bifitaniye isano na politike.