Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 27/06/2020

Publié le 27 juin 2020 par Rédaction

I. Abepiskopi katolika b’Uburundi bararajwe ishinga n’itahuka ry’impunzi z’abarundi. Ivyo vyaribonekeje mu gisabisho bagize ejo, mu birori vyo gushingura Pierre NKURUNZIZA, no kw’italiki 18, umusi umukuru w’igihugu mushasha yimikwa. Kuri ivyo, Frédéric BAMVUGINYUMVIRA icegera c’uwurongoye urunani CFOR-Arusha, arerekana amakenga afise ku bijanye n’uko abategetsi bashasha batoba bafise ishaka ryo gutahukana abarundi bahunze.

II. Igenwa ry’intwazangabo mu bibanza bikomakomeye n’intambamyi ikomeye mw’inagurwa ry’imigenderanire ku Burundi n’ayandi makungu. Uwo n’umwihwezo wa Méthode Ndikumasabo, umushakashatsi mu gisata c’ubutungane, agafatira kw’igenwa rya général Alain Guillauame Bunyoni mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere, mu gihe asanzwe ari mu bihano vy’ibihugu bimwe bimwe nka leta zunze ubumwe za amerika. Akaba yafatiwe ivyo bihano kubera uruhara yoba afise mw’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi. Uyo mushakashatsi akaba asaba umukuru w’igihugu, gufata ingingo zotuma intwaro yiwe yizerwa.

III. Muri komine Kirundo, mu Ntara ya Kirundo, abajejwe intwaro baranduye utuzu two kudandarizamwo bita kiosques, twari dushinze ku mabarabara atandukanye. Ivyo bikaba arivyo vyaranze ibikorwa rusangi vyo kuri uyu wa gatandatu, vyari birongowe na musitanteri wa komine Kirundo. Ba nyene utwo tuzu, bakavugako bahahombeye vyinshi kuko vyakozwe badahari, kandi basabwa no kuriha ihadabu kugira ngo baronswe izo kiosques. Umunyagihugu yabibonye aratwiganira ingene vyagenze.

IV. Mu kigabane « Kw’Isôko » c’uno musi tubabwira ukuntu ikiza ca Coronavirus cagize ingaruka, mu gikorwa c’ubworozi bw’Abarundi bahungiye mw’ikambi ya Mahama  mu gihugu c’Urwanda.

Ibindi bisa n'ibi