Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 27/06/2022

Publié le 27 juin 2022 par Rédaction
I. Ingoro y’umugambwe CNL iri ku mutumba Nyarumuri, muri zone Muhwazi ya komine Nyabitsinda mu ntara ya Ruyigi, yaraye ituriwe muri iri joro ryakeye, ivyarimwo vyose birasha biratokombera. Abanyagihugu baho i Muhwazi, bavuga ko imbere y’ukwo iyo ngoro iturirwa, ku mutaga wo kuri uyu wa gatandatu uheze, umukuru wa zone Muhwazi ari kumwe n’imbonerakure zibiri bari baje bafata amafoto y’iyo ngoro. Bagasaba ko ako gatotezo gakorerwa abanywanyi b’umugambwe CNL gahagarara.
II. Nayo umukuru w’umugambwe CNL Agathon Rwasa, mu mubonano yagize n’abanywanyi b’umugambwe biwe kuri uwu w’Imana muri komine Rugombo iri mu ntara ya Cibitoke, yarasubiriye kwiyamiriza iburabuzwa ridahengeshanya gukorerwa abanywanyi n’uwo mugambwe muri rusangi. Ahamagarira abategetsi b’Uburundi babijejwe gukora ibishoboka vyose kugira batuze uwo wese abiba urwanko canke acanishamwo imigambwe, hakurikijwe amategeko.
III. Uwurongoye umuryango wa Afrika y’ubuseruko ahamagarirwa gutahuza umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ngo atanguze ibiganiro hamwe n’abanyepolitike batavuga rumwe nawe, adasize inyuma n’imigwi igwana. Ako kamo tugasanga mw’ikete ryanditswe n’imigambwe ibiri PPD Girijambo na MSD, ikete ryarungikiwe umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta ari nawe arongoye uwo muryango wa EAC. Kubwa Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD, iyo ngendo izoshikana igihugu mu matora yisunze intwaro rusangi, aciye mu muco kandi yemewe na bose. Gutyo, Uburundi ngo buzoba buronse amahoro co kimwe n’akarere kose.
IV. Amafranga ibihumbi 35 mu mafranga y’amarundi ni yo asabwa abarimu bo mu ntara ya Cankuzo kugira bigurire igitenge bazokwambara itariki 1 Mukakaro, yibutsa ukwukira k’Uburundi. Abo barimu bakiyamiriza iterabwoba bagirirwa n’umuyobozi w’indero mu ntara ya Cankuzo hamwe n’abayobozi mu ma komine, bavuga ko uwutazotanga ayo mafranga atazosubira kuronswa urupapuro yipfuza. Bagasaba ubushikiranganji bubajejwe gutegeka abo bayobozi kwubahiriza amategeko agena abakozi ba leta.
V. Kubwa Frédéric Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, asigura ko iyo ngendo ya CNDD-FDD yo gutegeka abantu kwambara imyambaro y’ibitenge ari ubundi buryo bwo kwiyamamaza bw’umugambwe uri ku butegetsi. Asaba abarongoye igihugu guhagarika iyo ngendo yo gusahura ku nguvu abakozi ba leta, basanzwe bari mu bukene. Bamvuginyumvira agasaba kandi abakozi ba leta kutabandanya kwemera gucurwa bufuni na buhoro n’amategeko y’abarongoye CNDD-FDD ataho yanditse.
VI. Igisata ca ONU kijejwe impunzi mu gihugu ca Tanzaniya kiriyamiriza amabi akorerwa impunzi. Petero Maaro, arongoye ico gisata muri District Kasulu, avuga ko kuronswa ubuhungiro ari uburenganzira bw’uwariwe wese, kandi igihugu yahungiyemwo gitegerezwa kumucungerera umutekano. Ivyo yabishikirije mw’ikambi y’impunzi i Nyarugusu ku wa gatatu w’indwi iheze, mu gihe yari yagendeye izo mpunzi. Avuga kandi ko ata mpunzi ikwiye gutahukanwa ku nguvu, mu gihe ivyo yahunze bitarava mu nzira.
VII. Ishirahamwe ryitaho agateka k’impunzi z’abarundi CBDH-VICAR rirashima ko ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR ritanguye gushira ahabona itotezwa rikorerwa impunzi z’abarundi mu gihugu ca Tanzaniya. Mw’itangazo ryasohoye kuri uyu wa gatandatu, ishirahamwe CBDH-VICAR rirerekana ko leta ya Tanzaniya ata mvo n’imwe yotuma isubiza ku nguvu impunzi z’abarundi mu gihugu, kandi hacigaragaza ubwicanyi n’ayandi mabi. Léopold Sharangabo ni icegera c’uwurongoye CBDH-VICAR.
VIII. Ihungabanya rya kiremwa muntu rirabandanya mu gihugu c’Uburundi na cane cane icaha co guhohotera kiremwa muntu. Ivyo bishikirizwa na Jean-Claude Ntiburumunsi arongoye igisata c’amategeko, mw’ishirahamwe rukristu ryishinze kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi. Mu gihe amakungu yaraye ahimbaje umunsi mpuzamakungu wahariwe gufasha abahuye n’ivyago vyo guhohotera kiremwa muntu, ACAT-Burundi yiyemeje gufasha abahuye n’izo ngorane mu kwitwara mu butungane mpuzamakungu. Jean-Claude Ntiburumunsi arongera agahamagarira leta guhana abagirizwa icaha co gukora ihohotera hamwe n’ugushinga umugwi ukurikiranira hafi abagirizwa ico caha.
IX. Hari umusore w’imyaka 28 yari azwi kw’izina rya Ndayisaba Lionel wo ku musozi Nyabibuye, komine Butaganzwa, intara ya Ruyigi yatowe ikiziga yenena ku giti mu gatondo ko kuri uno wa mbere. Amakuru ava mu muryango wiwe, yemeza ko uwo yaraye yitavye Imana yari asanzwe agendana indwara yo mu mutwe, kandi ko yoba yiyahuye. Mukamenya ko hari haciye amazi atatu uwundi musore wo ku musozi Musave uri mu gisagara ca Kayanza, yahora yiga muri kaminuza mw’ishure ry’inderabigisha ENS, na we nyene yari afise imyaka 28, yatowe amanitse ku giti. Bivugwa ko nawe nyene yiyahuye, kandi yari asanzwe agendana indwara yo mu mutwe.
X. Ihiganwa ry’abakobwa ry’Uburundi bwose rigeze ku ndwi igira kabiri. Umugwi wa Young Sister’s wo mu ntara ya Ngozi ukaba ariwo utaratsindwa. Mu mupira w’amaguru naho i Makamba, haruguruwe ikibuga c’umugwi Aigle Noir gishobora kuzofasha Uburundi igihe ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa ryocemeza.

Ibindi bisa n'ibi