I. Amashikanwa agizwe n’ibifungurwa bitandukanye, ibitungwa n’inka ni vyo vyashikirijwe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, ku munsi wa gatandatu uheze muri zone Maramvya, komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura. Ayo mashikanwa yari ayo kumukeza ku myaka itatu amaze ku butegetsi. Uwurongoye iyo komine akaba yamenyesheje ko vyavuye mu mwimbu w’abanyagihugu.
II. Iyo nyifato yo kwegeranya amashikanwa yo gushikanira umuryango w’umukuru w’igihugu yerekana icipfuzo c’umukuru w’igihugu mu kwifata nk’umwami. N’inyifato kandi yaranze Petero Nkurunziza, bose bakaba aha nini babikora kugira abanyagihugu bame babona ko ari abantu bakomeye, bo guha amajwi mu matora. Bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha agatangazwa n’ahava ayo mashikanwa, mu gihe abanyagihugu benshi batakironka ivyo bafungura. Agasaba umukuru w’igihugu kureka kubandanya bakenesha abanyagihugu, aho kubafasha kugira bashobore kuronka ibibatunga.
III. Ikigo kijejwe kwegeranya no kubungabunga umwimbu w’abanyagihugu ANAGESSA kimenyesha ko kigiye gutanguza vuba, isekeza ryo kwegeranya umusesekara w’umwimbu w’ibiterwa bitandukanye. Vyashikirijwe kuri uyu wa mbere n’umushikiranganji ajejwe uburimyi. Sanctus Niragira arahumuriza abarundi y’uko amakosa yakozwe n’ico kigo aho umwimbu waboreye mu bubiko bwaco, bitazosubira gushika.
IV. Imyidogo ni myinshi ku bavyeyi n’abigisha barereye kw’ishure nshingiro rya ECOFO Cibitoke ya kabiri, riri mu gisagara ca Bujumbura. Ni mu gihe havugwa ko umuyobozi arongoye iryo shure yanyuruje amafranga arenga imiriyoni cumi n’umunani. Amakuru dukura kuri iryo shure, amenyesha ko uwo muyobozi yatumyeko inama ku bigisha arongoye, abatera ubwoba ko bakwiye kugendera ku mabwirizwa yiwe. Abavyeyi barereye kuri iryo shure bamenyesha ko ni hatagira igihinduka, bazokwandikira umukuru w’igihugu kugira abe ari we abatunganiriza.
V. Umukuru w’umutumba Migende, komine Gatara mu ntara ya Kayanza, asaba ubutungane guhana abagirizwa kuba baramutemaguriye ibitoke, mw’ijoro ryo ku musi w’Imana uheze buca ari ku wa mbere. Babiri mu bikekwa ko ico caha bakaba muri kino gihe bapfungiwe mu gasho k’igipolisi, aho nyene muri komine Gatara.