Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 27/07/2021

Publié le 27 juillet 2021 par Rédaction
I. Umugabo w’imyaka yababa 45 wo ku musozi Rukago,  komine Gahombo, mu ntara ya Kayanza, yarazwi kw’izina rya Nduwimana François batazira musitanteri, yatowe ikiziga mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri, i ruhande y’ubunywero yarasanzwe akoreramwo buri kw’isoko ya Rukago. Amakuru ava aho muri komine ya Gahombo, akavuga ko vyibonekeza ko uwo muntu mu gupfa yaviriranye amaraso mu mazuru, abantu bakibaza ko yoba yaratemvye bigahera bimubereye intandaro y’urupfu. Ku mvo z’amatohoza, abantu bane harimwo n’abanyezamu bakorera kw’isoko ya Rukago bafashwe mu gatondo ko kuri uyu wa  kabiri.
II. Umukenyezi yoba ari mu myaka ya 40 yishwe atemagujwe umupanga ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere. Ivyo vyabereye ku mutumba wa Rugero, komine n’intara ya Kirundo. Ruhomba Jean Marie nyene gukora iryo bara, akaba yagirije uwo mukenyezi yarasanzwe akora akazi ko mu nzu, kuba yaramwivye agahuzu ko munsi akikeka ko yashaka kumuroga nk’uko bivugwa n’umwe mu babonye iryo bara rigwa.
III. Umwigeme azwi kw’izina rya Ntiranyibagira Évelyne w’imyaka 19 yaba muri karitiye Gisagara mu gisagara ca Ngozi, yarafashwe n’igipolisi kuri uwu wa mbere. Igipolisi kikamwagiriza kuba yaravyaye umwana w’umuhungu aca amuta mu kazu ka surw’umwe. Abo mu muryango utabara imbabare  mu gisagara ca Ngozi bafadikanije n’abanyagihugu, baragerageje gukura ico kibondo muri ico kinogo kigihema, baca bamujana ku bitaro bikuru vyo mu gisagara ca Ngozi aho ariko aravurirwa. Muri kino gihe, uwo mwigeme ari mu minwe y’inyamiramabi, aho ariko agirirwa dossier kugira ashengezwe imbere y’ubutungane. Akaba asanzwe avuka ku musozi  Bubezi, komine Kayanza n’intara ya Kayanza.
IV. Benedigito Nsengiyumva, umuyoboke w’idini ry’aba adventiste b’umunsi w’indwi, mu rushengero rwa Rusenyi, muri komine Giteranyi, intara ya Muyinga,  ari ku musego kubera amahiri yakubitiwe, muri urwo rushengero na bagenziwe. Amakuru ava aho i Rusenyi amenyesha ko uwo mugabo w’imyaka yababa 40, yakubiswe ku munsi wa gatandatu, igenekerezo rya 24, kandi ngo ubuzima bwiwe ntibwifashe neza.
V. Impuzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Mulongwe muri Republika  iharanira demokarasi ya Congo ziramaze amezi abiri zitaronswa amazi akwiye. Aramutse abonetse naho akaboneka ari make kuko akenerwa  na  benshi.  Izo mpunzi zisaba abagiraneza kuzironsa   amazi menshi, na rirya muri kino gihe co mu ci amazi akenerwa cane, kandi hakaba ari mu gihe havugwa n’ikiza c’umugera wa corona. Umwe mu barundi bari mw’ikambi ya Mulongwe arabitwiganira.
VI. Izindi mpunzi z’abarundi zigera kuri 300 zari zahungiye mw’ikambi ya Mtendeli zatahanywe kuri uyu wa kabiri. Imyidogo akaba ari menshi ku mpunzi zasigaye aho zimenyeshako abajejwe ikambi basigaye barasitagura amazu bongera barandura ibiterwa vyari vyatewe n’izo mpunzi zimuriwe mw’ikambi ya Nduta.
VII. Iyimurwa ry’impunzi z’abarundi zo mw’ikambi ya Mtendeli zijanwa mw’ikambi ya Nduta rinyegeje ugushaka kwa leta ya Tanzaniya ryo gutahukana impunzi zitabishaka. Ivyo bivugwa n’urunani rw’abaharanira agateka ka muntu baba mu makambi y’impunzi. CBDH-VICAR igafatira ku kungene iryo yimurwa ririko riragirwa hamwe n’umutekano muke wamye uranga ikambi ya Nduta bariko bimurirwamwo. Léopold Sharangabo, icegera c’umukuru wa CBDH-VICAR.
VIII. Imyidogo ni yose ku banyagihugu bo ku mutumba Kagongo, zone  Kizuka, muri komine Rumonge, mu bumanuko bw’igihugu. Abo banyagihugu bamaze igihe kinini batagira umuyagankuba bakavuga ko uruhombo ari runini cane mu bijanye n’ubutunzi. Basaba ishirahamwe REGIDESO gutorera umuti ico kibazo.
IX. Umugwi nserukira gihugu w’Uburundi w’abadashikana imyaka 23 mu mupira w’amaguru kuri uno wa kabiri waronse uburenganzira bwo kuzokina urukino rwa nyuma. Mu mwanya wategekanijwe n’amategeko, Uburundi bwanganije na Kenya ubusa ku bundi mu gice ca kabiri gishira ica nyuma. Iyo migwi yaciye itera za Penalties, Uburundi bwinjiza 4 kuri 2 za Kenya. Umunyegori w’Uburundi Rukundo Onésime akaba yafashe zibiri gutyo abona gushikana Intamba Mu Rugamba mu rukino rwa nyuma, aho Uburundi buzotana mu mitwe na Tanzaniya. Ico gihugu kikaba catsinze Sudani yo mu bumanuko igitsindo kimwe ku busa.

Ibindi bisa n'ibi