Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 27/07/2022

Publié le 27 juillet 2022 par Rédaction
I. Hari umusore atamenyekanye, yatowe yapfuye kuri uyu wa kabiri, ku mutumba Gifurwe muri komine Mpanda intara ya Bubanza. Ikiziga ciwe kikaba cari camaze kwononekara, kuko ashobora kuba yaramaze iminsi yishwe nk’ukwo abahashitse babimenyesha. Abagiraneza bo muri Croix Rouge bafadikanije n’abarongoye intwaro baciye bafuba ico kiziga. Abatware bo kuri uwo mutumba, basigura ko bakiriko baratohoza amamuko y’uwo muntu, kugira ngo abiwe babimenyeshwe, amakuru kandi yemezwa n’igipolisi muri iyo ntara ya Bubanza.
II. Abasirikare batazwi igitigiri bari kumwe n’urwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi, bararungitswe mu bikorwa ku butaka bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, kuva mu kwezi kwa Kigarama umwaka wa 2021. Nk’ukwo biri mu matohoza y’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu mu Burundi IDHB, abo barungikwayo ngo baba bagiye guhangana n’imigwi igwanya leta y’Uburundi. Ku bwa Carina Tertsakian, umushakashatsi muri IDHB, irungikwa ry’abasirikare b’abarundi muri Congo hamwe n’imbonerakure zijanwa mu bikorwa vya gisirikare, vyari bikwiye guhagarika umutima amakungu.
III. Umushingwamanza wo mu gihugu c’ubu Suisse yasabwe n’intwumwa za leta y’Uburundi kubakorera amatohoza kw’ishirahamwe Swissmed international, yarabahebeye amafranga angana 600 y’ama Suisse. Uwo mushingwamanza yahebeye intumwa za leta y’Uburundi ayo mafranga, inyuma yo kwishuza incuro zibiri zose akabura. Uwo mushingwamanza Dominique Liardet akaba yasavye intumwa za leta y’Uburundi ari bo Renovat Tabu, Innocent Alfred Museremu hamwe na Charles Ndagijimana kudasubira kumurondera ku kibazo icari co cose, kuko banse kumuriha amafranga asanzwe ategekanijwe iyo ugize ico usaba umushingwamanza mu gihugu c’ubu Suisse.
IV. Ntivyoroshe kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura mu gitondo, kubera ubukene bw’igitoro. Ku bituro bitandukanye mu ma quartier ari mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, batonda imirongo kuko haboneka imiduga yunguruza abantu iri ku rushi. Abunguruza abantu n’ibintu na bo, bavuga ko imiduga myinshi itariko irakora kubera ubukene bw’igitoro, aho bemeza ko bashobora kumara indwi yose ata gitoro baronse.
V. Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu biyunguruza baja mu mihingo itandukanye y’igihugu. Ni mu gihe abiyunguruza bava mu gisagara ca Bujumbura baja mu zindi ntara basa n’abihebuye kubera ibiciro vyabaye umurengera. Amakuru dukura muri bamwe bunguruza abantu n’ibintu, basigura ko bafise ikibazo co kuronka ibitoro. Abo banyagihugu bagasaba leta gutorera umuti ico kibazo.
VI. Kuva ku munsi wa gatatu w’indwi iza, inka zizosubira kubagwa ukuri kwamye. Ivyo n’ivyashikirijwe n’ubushikiranganji bujejwe uburimyi n’ubworozi bufadikanije n’ubw’intwaro hagati mu gihugu. Hari mu nama yahuje abajejwe intwaro mu gihugu, ba buramatari, abarongoye ama komine n’abajejwe uburimyi n’ubworozi mu ntara. Bumvikanye ko inka zizobagwa zizoba zabanje kwegeranirizwa mu kibanza kizwi, kandi zikabanza gusuzumwa ko zitagwaye. Martin Ninteretse ni umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu.

Ibindi bisa n'ibi