I. Hari umuryango w’uwitwa Michel uba mu Carama mu gisagara ca Bujumbura urara ntibuca kubera umutekano wabo ubangamiwe. Intandaro ya vyose ni imodokari umukuru w’uwo muryango Michel yaguze n’uwitwa Nkurunziza Claude, aho iyo modoka yahavuye ifatwa biturutse ko uwayigurishije itari iyiwe. Nyene kugurisha ubu akaba abangamiye uyo muryango. Basaba ko umutekano wabo wokingirwa.
II. Uwuja gukira indwara arayirata. Umukuru w’igihugu c’Uburundi akwiye kwemera ko agateka ka zina mukenyezi gahohoterwa ku rugero ruteye ubwoba mu gihugu arongoye. Ivyo bishikirizwa na Marie Louise Baricako arongoye umuhari w’abakenyezi baharanira agateka ka zina muntu Inamahoro. Agasaba ashimitse ko umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye yovuzwa kuko amagara yiwe yifashe nabi. Marie Louise Baricako atera akamo umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo iteka n’iterambere ry’abakenyezi, hamwe n’umushikiranganji w’ubutungane, kuko Floriane Irangabiye ariko araborezwa igufa mu kutaronswa uburenganzira bwo kwivuza.
III. Marie Louise Baricako arongera agasaba ko umupfasoni Sabukunze Antoinette yatotejwe, akomorwa mu rugo rwiwe n’umugabo wiwe, asanzwe ari umupolisi w’umu colonel azwi kw’izina rya Ndikuriyo Ildephonse, gutunganirizwa, kuko ariko ararenganywa. Agasaba abarongoye igipolisi gufata mu minwe ico kibazo.
IV. Buramatari w’intara ya Muyinga asaba ba musitanteri b’ama komine agize iyo ntara gukombora abakuru b’imitumba, uducimbiri n’ama zone batazogwanya bimwe biboneka abaharika abakenyezi babo, canke bakingiye ikibaba ababikora. Buramatari Jean-Claude Barutwanayo yabivuze kuri uyu wa gatatu mu nama y’umutekano yabereye muri komine ya Butihinda. Ivyo akaba yabivuze kuko hamaze kwibonekeza ingorane mu miryango ziturutse ku guharika.
V. Imiryango itari mike iba mu bice bimwe bimwe vyo ku mitumba ya Kibogoye, Muyinga na Kinyota ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga, irahagaritswe umutima n’ubukene bw’amazi atangwa n’ishirahamwe REGIDESO, ubukene bwibonekeza kuva mu ntango z’ukwezi kwa Ruheshi uno mwaka. Imvo y’ikena ry’amazi akaba ari ibikorwa vy’amabarabara biriko birangunrwa n’ikigo c’igihugu kijejwe kwubaka amabarabara (ARB), nk’ukwo bishikirizwa n’abakozi b’ishirahamwe REGIDESO i Muyinga. Ama mashini ngo akaba yarayacagaguye imigano yatwara amazi muri ivyo bice vy’umugwa mukuru w’intara.