I. Kuri uno wa 28 Myandagaro 2022, imyaka 22 izoba irumanye abarundi bumvikanye ku masezerano ya Arusha yatumye igihugu gisubira kuja mu nzira ya demokarasi no kunywanisha abarundi. Mu muhari MAP Burundi Buhire, bamenyesha ko igihugu cishwe n’abahonyanze ayo masezerano ya Arusha kuko ari vyo vyabaye intandaro y’ubukene, ubwicanyi, uguhonyanga agateka ka muntu, kwangaza abarundi be n’ayandi mabi yose atuma igihugu kiba ica nyuma kw’isi mu vy’ubutunzi n’ukubaho kw’abantu. Uwurongoye MAP Burundi Buhire avuga ko umuti ari ukwo abashigikiye ayo masezerano bosenyera ku mugozi umwe bakayasubiza itoto. Emery Pacifique Igiraneza yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatandatu.
II. Imyidogo ni myishi mu banyagihugu bakoresha ibitoro mu bikorwa vyabo muri komine Nyanza-lac, intara ya Makamba. Bagiriza abajejwe intwaro kuva muri komine gushika ku mitumba, ko banyuruza ibitoro bakabigurisha kuri magendo. Basaba ko babogozwa kuko babafukamye mu nda.
III. Baridoga ko batangishwa amafranga ibihumbi bibiri ku nguvu. Abo nabo ni abadandaza bo mw’isoko ya Kinama mu gisagara ca Bujumbura. Abavuganye na Radiyo Inzamba babwirwa ko ivyo bihumbi bibiri vy’amarundi umwe wese atanga ari ayo kugura ibikoresho vy’ishure vy’abana ba ntahonikora. Ariko igiteye ingorane n’ukwo ata cemeza ko batanze ayo mafranga bahabwa.
IV. Ikiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi gishimikira ku makenga ajanye n’ishirwa mu ngiro ry’itegeko ryo kunganisha imishahara mu bakozi ba leta.
V. Pie Ntakarutimana yaharaniye bikomeye agateka ka zina muntu mu Burundi yitavye Imana kuri uyu wa gatanu. Mu 1993 benshi mu muryango wiwe baragandaguwe, niho yaciye atangura urugamba rwo guharanira agateka ka zina muntu mu muhari Ligue iteka. Mu nyuma aratwara amashirahamwe atari make harimwo n’urunani Forsc ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike. Eulalie Nibizi, umwe mu baharanira agateka kazina muntu mu Burundi barakoranye, arigana uwo yari we.