I. Umwana umwe yitavye Imana, abandi bantu bataramenyekana igitigiri barakomereka, bivuye kuri grenade yaturikiye mu bunywero bw’aho bita kwa Gaparata, hari nk’igihe c’isaha cumi n’imwe z’umugoroba kuri uyu wa mbere. Aho ni muri karitiye Ruziba, zone Kanyosha mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura. Ayo makuru atangwa n’abanyagihugu b’aho, yemeza ko iyo grenade yarifiswe n’umupolisi ariko ata vyinshi bongeyeko. Tukaba tutararonka umuvugizi w’igipolisi ku bijanye n’ayo makuru.
II. Umugore azwi kw’izina rya Chantal Hatungimana yitavye Imana ku muhingamo w’uno wa mbere, inyuma yo kuraswa n’abantu batamenyekanye mu gatondo. Ivyo vyabereye ku rugo iwe muri karitiye ya Carama iri muri zone ya Kinama, mu gisagara ca Bujumbura. Amakuru ava mu babanyi biwe, amenyesha ko Chantal Hatungimana yarasanzwe ari umuyobozi mu gisata c’itahukanwa ry’impunzi mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, yarashwe amasasu mu nda mu gihe yaravuye mu rugo iwe aja ku mirimo ya minsi yose. Ayo makuru nyene yemeza ko uwamurashe yarafise inkoho ya pistolet n’iyindi yo mu bwoko bwa Kalachnikov. Mu gipolisi baremeza ayo makuru, bakamenyesha ko uwakoze ico caha yaciye ahungishwa na moto yari imurindiriye, bakamenyesha kandi ko amatohoza yatanguye.
III. Abantu babiri baraye banyurujwe n’abantu bataramenyekana, mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana ushira uwa mbere muri zone Kanyosha ya komine Muha, mu gisagara ca Bujumbura. Abegereye imiryango y’abo bantu baratabaza basaba kumenyeshwa aho ababo boba baraye bajanywe, bakavuga ko bafise amakenga menshi ku mutekano wabo. Abantu banyuruzwa bakaburwa irengero biriko biraba vyinshi mu gihugu. Muri uku kwezi kwa Nyakanga kwonyene, abantu bamaze kumenyekana ko banyurujwe ni batanu. Bamwe muri bo imiryango iramaze kwihebura ko batakibona ababo ari bazima.
IV. Kubwa Pacifique Nininahazwe arongoye umugambi Ndondeza w’ishirahamwe FOCODE, inyuruzwa ry’abantu ryabaye ndanse mu gihugu, co kimwe n’inyuma y’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Ku bwiwe n’ivyaha bitababarirwa, umwanya uwari wo wose, abarongoye igihugu bazobibazwa.
V. Umusore yitwa Trésor Manirakiza yaritavye Imana mu gihugu ca Suède mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 25 Nyakanga 2021 inyuma y’imyaka 6 ariko arababara, kubera amasase yarashwe n’abapolisi mu 2015. Uyo musore akaba yarashwe igihe hariko haba imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza. Kubw’abaharanira agateka ka zina muntu, Trésor Manirakiza yari akarorero mu kwihanganira ibimubabaza. Umushingwamanza Lambert Nigarura yafashije kugira dossier ya Trésor ishike imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha asaba iyo sentare kunyarutsa amatohoza kugira abakekwa kwica abantu bafatwe bahanwe.
VI. Umunyororo w’imyaka itanu ni co gihano caraye giciriwe abagabo batatu bahora bakora kuri station Burundi Petrol product itanga igitoro, yo mu ntara ya Gitega. Mu ntahe y’ikibiriraho ya sentare ya Gitega yo kuri uyu wa Mungu, abo bakozi batatu ba station aribo Schadrak Nibitangavyose, Patrice Mugabonihera na Emmanuel Ndayikengurukiye baremeye icaha co gushira igitoro muma bidons kingana na litiro 1136 ariko bakavuga ko batari bakinyegeje kugira bakidandaze ku mahera menshi. Kubwabo bakozi ico gitoro cafashwe n’igipolisi kuwa 23 Nyakanga cari caramaze kugurwa n’aba clients, ahubwo batari bwaze kugitora. Abo bakozi ba station bakaba bisiguye bavuga ko atari ubwa mbere batanga igitoro mu ma bidons kandi batari bazi ko ari icaha gihanwa n’amategeko.
VII. Ibihushane mu bijanye n’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru mu Burundi ni vyo birangwa mu majambo y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yashikirije mu nama nkuru ya ONU. Bivugwa na Innnocent Muhozi arongoye ikigo OPB ciyemeje guhanura ibimenyeshamakuru. Akaba abishikirije inyuma yaho umumenyeshamakuru wa Bonesha FM Aimé Richard Niyonkuru akubaguriwe akongera agahagarikwa, aho yariko aratohoza ku bwicanyi bwari bwaraye bubereye ahatewe grenade muri zone ya Kamenge. Innocent Muhozi, asaba umukuru w’igihugu gukoresha ububasha afise ave mu majambo, Uburundi ayaga bube koko uko abuvuga.
VIII. Abanyeshure barenga ibihumbi cumi n’icenda 19.000 bo mu ntara ya Muyinga bahora biga mw’ishure nshingiro n’inyuma yaryo, nibo bahevye ishure mu mwaka w’ishure wa 2020. Amakuru ava mu bushikiranganji bw’indero n’ubushakashatsi amenyesha ko ivyo bituruka aha nini k’ubukene bw’abavyeyi babo.
IX. Eulalie Nibizi aharanira uburenganzira bwo kwiga ku bana, avuga ko leta yategerezwa gufatira ku vyegeranyo nk’ivyo bitangwa, kugira ishobore gufata ingingo zotuza ivyo vyose. Muri izo nyishu harimwo gushiraho ama komité yo gukurikirana urwaruka, guhana abatuma guheba ishure, no gushiraho imigambi yotuma imiryango iva mu bukene irimwo.
X. Igisata c’ingenzi mu Burundi ngo cagiye kiratera imbere kuva mu mwaka wa 2010 gushika uno munsi. Bivugwa n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ubudandaji, mu gihe kuri uyu wa 27 nyakanga isi yose iriko irahimbaza umunsi wagenewe ubukerarugendo. Kubwa Jérémie Banigwaninzigo, harakenewe isubirwamwo ry’ico gisata nko mu bijanye n’ubumenyi kugira ico gisata kinaguke.
XI. Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem asigura ko igisata c’ingenzi kimwe mu vyari guteza imbere igihugu kidatunganijwe neza, nk’uko vyari vyitezwe mu gihugu c’Uburundi. Uyo muhinga mu bijanye n’ubutunzi yemeza ko igihugu c’Uburundi kikiri inyuma mu vy’ingenzi ugereranije n’ibihugu vy’aka karere kuko imbere y’umwaka wa 2015, Uburundi bwaronka ku mwaka imiliyoni zitanu (5) z’amadolari y’abanyamerika, mu gihe mu bihugu vy’aka karere, vyaronka hagati y’ama miliyoni 300 n’umuliyaridi vy’amadolari. Faustin Ndikumana avuga ko ubu hoho mu gihe c’ikiza ca Covid-19, ibintu vyunyutse mu Burundi.
XII. Ishirahamwe OLUCOME risaba leta y’Uburundi gutanguza umugambi wo gucandaga abarundi mu kwirinda ikiza ca coronavirus. Atari uko, kubwiwe leta izoba iriko irahonyanga uburenganzira bwo kuvuza abanyagihugu bayo, uburenganzira burekuwe n’ibwirizwashingiro ry’igihugu n’ayandi masezerano Uburundi bwateyeko umukono, mu bijanye n’agateka ka zina muntu. Mw’itangazo ryasohotse kuri uwu wa mbere, Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME ahamagarira inzego zitandukanye, amashirahamwe, amadini ngo batahure bongere bahanure leta ijijuke ifate ingingo zibereye zo kurwanya umugera wa Covid-19.
XIII. Umugwi Urunani mu bagabo na les Gazelles mu bagore nizo zaraye zitwaye igikombe c’inkino zitangurira ihiganwa muri basketball. Mu mupira w’amaguru naho mw’ihiganwa ry’Uburundi, inyuma y’indwi igira iya gatanu, Burundi Sport Dynamique niyo iri mu kibanza ca mbere vy’imfatakibanza.