I. Batatu mu banyamitahe b’ibitaro Kira bakiri mu Burundi harimwo na Dr Sahabo apfunzwe, barengutse imbere y’abashikirizamanza ba parquet ya Muha, kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 27 Nyakanga 2022. Bakaba basambishijwe ku bijanye n’inama y’abanyamitahe bose b’ivyo bitaro, yabaye kuwa 08 Nyakanga 2022, kuri bamwe hakoreshejwe ubuhinga ngurukana bumenyi bita visioconférence. Ku bw’umushingwamanza Gustave Niyonzima akwirikiranira hafi iyo dosiye, uko guhamagarwa koba gufise intumbero yo gutesha agaciro ivyafunditswe muri iyo nama ya bose. Ku bwiwe, yisunze amategeko, parquet ya Muha yahonyanze amategeko kuko ata bubasha ifise bwo kuja muriyo dossier, kuko ivyo birabwa na sentare y’ubudandaji. Amakuru twahavuye tumenya ku muhingamo n’ukwo Etienne Sahabo murumuna wa Dr Christophe Sahabo hamwe n’umushingwamanza Sandra Ndayizeye aburanira muganga Christophe Sahabo, bahavuye bahagarikwa n’umukozi w’iperereza Mathias Joseph Niyonzima batazira Kazungu, baheza bajanwa kumvirizwa muri parquet ya Muha.
II. Umusirikare w’intwazangabo yari mu basirikare b’Uburundi bari mu gihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi abarizwa mu gasho k’ikambi y’igipolisi ca gisirikare, bita bataillon police militaire mu gifaransa. Akaba yatahukanywe mw’ijoro ryo ku w’Imana uheze. Amakuru ava aho mu gisirikare, akavuga ko yoba yagirizwa kuba mu ntambara zabereye aho muri Congo, yatanze amategeko atuma abasirikare benshi mu bo yari arongoye bamwe bakomereka, abandi bahasiga ubuzima.
III. Ukudahana abakora icaha co gushuraruza bikwiye gutuzwa. Bivugwa n’umuhari INAMAHORO, w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Uwo muhari usaba ko umunyeshure wo kw’ishure nshingiro Nyangunzu mu ntara ya Mwaro yotunganiririzwa n’ubutungane. Umuyobozi w’iryo shure akaba yafashwe ariko aramushurashuza italiki 15 uku kwezi. Naho yahavuye afatwa, aracafungiwe mu gipolisi ariko ntarashirwa imbere y’ubutungane. Ivyo na vyo birateye amakenga n’umutima uhagaze umuhari INAMAHORO, nk’ukwo bivugwa na Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari.
IV. Hari umwana w’umuhungu w’imyaka 12 wo ku mutumba Kirema, zone Kayanza, mu ntara ya Kayanza, arwariye mu bitaro bikuru vyo mu gisagara ca Kayanza kuva kuri uwu w’Imana. Vyaturutse ku mahiri yakubiswe na se wiwe, gushika n’aho ukuboko kuvunika. Abarongoye amashirahamwe aharanira agateka k’abana mu ntara ya Kayanza, bakaba biyamiriza ubwo bugizi bwa nabi abavyeyi bamwe bamwe bakorera abana. Bagasaba ko ubutungane bumuhana hisunzwe amategeko.
V. Hari umwigeme w’imyaka 23 wo mu gacimbiri Kirava, umusozi Karurusi na komine Gatara, apfungiwe mu gasho k’inyamiramabi aho muri komine Gatara, mu ntara ya Kayanza, kuva ku w’Imana uheze. Akaba yagirizwa kuba yaravyaye umwana agaca amuniga, mu nyuma akaza gutorwa ikiziga aho yari yagitaye. Mu ntwaro ku rwego rwa komine bagahanura abigeme kwirinda gutwara inda z’indaro. Abo bishikiye na bo ngo ntibokwaka ubuzima abo bibarutse ngo ni ukubera ba se babihakanye. Bagahanurwa ko muri ico gihe boca bitura ubutungane bukabatunganiriza. Ubu rero uwo mwigeme ariko agirirwa dosiye kugira ngo vuba azoshengezwe imbere y’ubutungane.
VI. Ukunyinyurana ni ko kurangwa hagati y’inama mpanuzwajambo ya komine Nyanza-lac hamwe n’abajejwe intwaro, kw’igenwa n’ikurwa ku batware bo hasi. Iyo nama ikaba yaraye yankiye buramatari wa Makamba hamwe na musitanteri wa komine Nyanza-lac gusubiriza uwurongoye zone Kazirabageni, Emmanuel Harimeshi, mu gihe bivugwa ko hari umugambi wo kumukura muri ayo mabanga.
VII. Ukwigenga kw’ubutungane mu Burundi biracari kure nk’ukwezi mu gihe n’urwego rw’abashingantahe rwaraye rufuswe n’intwaro y’umugambwe CNDD-FDD. Ivyo biri mu cegeranyo c’igisata c’ubutungane kigira 50 c’ishirahamwe SOS Torture Burundi casohowe kuri uyu wa mbere. Aimé Kwizera ajejwe kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe avuga ko urwego rw’abashingantahe baravye akamaro rwari rufise muri kahise, rutari rukwiye gufutwa ngo ruzimanganywe.
VIII. Kuri uyu wa 27 Nyakanga, amakungu arahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ubukerarugendo. Uburundi bukaba buza mu kibanza ca nyuma mu karere ka Afrika y’ubuseruko, mu bijanye n’ibihugu bironka amahera menshi avuye muri ico gisata. Bishikirizwa na Faustin Ndikumana, akurikiranira hafi ibijanye n’ubutunzi bw’igihugu, akaba anarongoye ishirahamwe PARCEM rihamagarira abarundi guhindura ingendo. Kugira ico gisata c’ubukerarungendo gitere imbere mu gihugu, Faustin Ndikumana amenyesha ko bisaba ibintu bitari bike harimwo kunagura ishusho y’igihugu.
IX. Umushikiranganji wa mbere aranegura ukwo ibikorwa vyo kwubaka ingomero za Jiji Murembwe mu ntara ya Bururi, biriko bigenda bikwega amaguru. Mu rugendo yagizeyo kuri uwu wa mbere, Gervais Ndirakobuca akaba yasanze hari impome zimwe ziza zarase imigaga, ingomero zitaratangura gukoreshwa. Ikindi camuteye amakenga ni uko ishirahamwe ririko rirubaka ritazoshobora kubahiriza ikiringo, aravye ivyo bamaze gukora n’ibisigaye.