-
Ishirahamwe ry’abahutu bacitse kw’icumu mu magume yabaye mu mwaka w’i 1972 riragabisha umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Rimuha gushika ku musi wa Noheli yuyu mwaka ngo azobe yashize igikumu kw’itegeko ryemezako abahutu bakorewe ihonyabwoko mu 1972. Ataruko iryo shirahamwe ngo rizofata umukuru w’igihugu Ndayishimiye nk’igihemu. Ivyo biri mu butumwa iryo ryirahamwe BIMENYE ririko rirakwiragira hirya no hino kuva ku mus iwa mbere w’iyi ndwi.
-
Ishirahamwe AC Genocide Cirimoso ishami ryo muri Canada riratangazwa niyo nvugo ahubwo umukuru w’igihugu ategerezwa kwerekana ko ariwe ari ku ntebe yo kurongora Uburundi mu guhana abiha ububasha bwo kumuha amategeko, maze agahana ishirahamwe Bimenye Burundi rimubwiriza kwemeza ihonyabwoko ry’Abahutu mu 1972. Emmanuel Nkurunziza arirongoye, akabona kandi ko ivyo bikorwa mumatora yegereye mu ntumbero yo kwereka ko ubutegetsi bukunda ubwoko bw’Abahutu, mu gukumira abandi, na cane cane Abatutsi.
-
Muntara nya Kayanza Abavyeyi n’abana b’abanyeshure bo muri komine n’intara ya KAYANZA riyamiriza ingendo y’abategetsi yo kuzabarasivya abana ku mashure bakabajana kwakira abanyepolitike. Bakavuga ko ivyo bishobora kubagirako ingaruka mu kutaronka umwimbu ushimishije . Abigisha na bo bakagira amakenga yuko bashobora gucererwa guheza intonde z’ivyigwa. Ni mu gihe Reveriyano Ndikuriyo , umukuru w’umugambwe Cndd-Fdd ku rwego rw’igihugu yari aramutse kur’uwu wa gatatu agendera zone ya KAYANZA. Muri ico gihe hakaba ata vyigwa vyatanzwe mu mashure yo muri iyo zone na cane cane amashure y’ishure shingiro. Abo bavyeyi n’abana bagasaba kugumizwa ku mashure abanyeshure, abo banyepolitike na bo bakaza barakirwa n’abanywanyi babo gusa.
-
Kuva kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 27 Nyakanga, abafata indege zikorera mu Burundi, amatike yazo ategerezwa kugurishwa mu mafaranga mvamakungu, ama madolari canke ama Euros. Ivyo biri mubutumwa bwashizwe ahabona n’amashirahamwe ya Kenya Airways, Ethiopian Airlines, Rwandair na Brussels Airlines. Iyo ngingo ikaba ihagaritse umutima ishirahamwe OLUCOME kuko ribonako igiye gukora kubarundi bahora bafata ingendo na rirya kugira uronka amafranga mvamakungu mu gihugu ari ikibazo gikomeye. Gabriel Rufyiri arirongoye, ngo bizotuma n’amafranga yo kw’isoko yo mukinywabi bita marché noir, aduga cane. Asaba leta y’u Burundi kwihutira gutorera umuti ico kibazo c’amafranga yagaciro kugira ejo ntihagire abandi badandaza bafata mwe nizo ngingo kugutinya guhomba.
-
Igenekerezo rya 27nyakanga numunsi mpuzamakungu wahariwe ingezi.Ico gisata kikaba gifitiye akamaro kanini ibihugu bitaratera imbere kuko gituma mugihugu hinjira amafaranga yagaciro.Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem avuga ko uburundi bufise ibintu vyinshi vyo kuranga vyotuma ubutunzi bwigihugu bwisununura.Ariko ngo iki9babaje nuko mubihugu vyo muri kane karere uburundi ari ubwanyuma bwinjiza amafaranga make ava muri ico gisata.
-
Faustin Ndikumana avuga ko reta ikwiye kwicarira ico kibazo ikanafata ningingo kugira ico gisata cinjize amafaranga menshi yagaciro