Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 27/10/2022

Publié le 27 octobre 2022 par Rédaction
I. Ba nyene ubunywero bwa kijambere bita bar VIP mu gisagara ca Bujumbura bahamagarirwa kwitura abarongoye intwaro mu gisagara, kugira berekane impamvu zituma baduza ibiciro vy’ibinyobwa. Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa gatatu na Marie Chantal Nijimbere, umushikiranganji w’ubudandaji, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu. Ivyo abivuze inyuma yaho umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca yaheruka kumenyesha ko mu bunywero bwa kijambere batosubira kuduza ibiciro vy’ibinyobwa.
II. Ingingo y’ubushikiranganji bw’ubudandaji ku biciro vy’ibinyobwa bwa Brarudi ngo ije gukosora iyari yafashwe n’umushikiranganji wa mbere kuko itari yizwe n’abahinga. Bivugwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM rikangurira abarundi guhindura ingendo. Ku bwiwe ngo ubushikiranganji bw’ubudandaji ni bwo bwari bujejwe ico gikorwa bubanje gukorana n’abikorera utwabo muri ico gisata c’urudandazwa rw’ibinyobwa vya Brarudi.
III. Ibiciro vy’ibifungurwa vyaraduze cane muri ino misi kw’isoko nkuru yo mu gisagara ca Kayanza. Ivyo vyaduze ibiciro aha nini ni ibiharage, umuceri, ubufu n’ibiraya, hakaba ari mu gihe hari abari bafise icizere c’uko igitoro kibonetse vyari guca bizimbuka. Bagasaba leta gucungera ibiciro kugira ngo abanyagihugu b’amikoro make na bo bashobore kugaburira imiryango, na rirya ubuzima buzimba uko bukeye uko bwije.
IV. Ibiciro vy’ibifungurwa n’ibindi bidandazwa bibandanya biduga igiciro mu Burundi kubera intambara iriko irabera mu gihugu ca Ukraine. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’ubudandaji n’amahinguriro Marie Chantal Nijimbere, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu. Ibiciro vy’igitoro n’ibindi bikoresho vya nkenerwa bibandanya biduga kw’isoko mpuzamakungu, Uburundi nabwo ata mafranga y’agaciro ahagije bufise. Imwe mu nyishu ngo n’ukwo abarundi bokwijukira ibikorwa bakagwiza umwimbu.
V. Kuri uyu wa kane Clément Nkurunziza yahoze atwara ishirahamwe ry’abanyeshure ASSER akaba afungiwe mw’ibohero rikuru rya Ngozi, yandikiye umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Muri iryo baruwa akaba yamweretse ko ifungwa ryiwe riteye kubiri n’amategeko, kuko yagirizwa ivyo atakoze kandi kugeza n’ubu yankiwe kwumvirizwa. Agasaba umukuru w’igihugu kwiga ikibazo ciwe agihereye mu mizi.
VI. Abantu cumi na batanu 15 ni bo bishwe n’ikiza ca Covid-19, abarenga ibihumbi mirongo itanu (50.000) bakaba baranduye bagakira. Ivyo biri mu cegeranyo c’ivyaranguwe n’umugwi ujejwe kurwanya ikiza ca Covid-19 kuva mu kwezi kwa Ntwarante umwaka w’ibihumbi bibiri na mirongo ibiri (2020), gushika itariki mirongo ibiri na zitandatu Gitugutu umwaka w’ibihumbi bibiri na mirongo ibiri na kabiri (26/10/2022). Muganga Sylvie Nzeyimana asanzwe ari icegera c’uwurongoye uwo mugwi akongera akaba n’umushikiranganji w’amagara y’abantu, akamenyesha ko abantu bababa imiriyoni zibiri ari bo bashoboye gupimwa ku buntu ico kiza.

Ibindi bisa n'ibi