I. Ibanki nkuru y’igihugu BRB, yasohoye itangazo aho ihamagarira ingenzi mvamakungu, kwerekana urupapuro rwerekana urugero bavunjishije amafaranga baba bakoresheje imbere yuko basohoka igihugu. Umugenduzi mukuru w’ibanki BRB Prosper NGENDANGANYA anamenyesha ko amafaranga yose akoreshwa mu guhanahana ibidandazwa ategerezwa kuba ari mu marundi.
II. Gushira ibisata vy’ubutunzi vy’abikorera ivyabo mu minwe ya Leta, n’ugushaka gukingira ikibaba igiturire cimonogoje muri leta. Ivyo bishikirizwa na Faustin Ndikumana, umuhinga yigenga muvy’ubutunzi, inyuma yaho ubushikiranganji bw’amasoko ntanga nguvu, ubutare n’agataka bufashe, kuri uyu wa mbere, ingingo yo kubuza urudandaza rw’inzahabu mu gihugu cose c’Uburundi. Ibanki nkuru y’igihugu BRB ikaba ari yo yonyene irekuriwe urwo rudandaza.
III. Frédéric Bamvuginyumvira, icegera c’umukuru w’urunani CFOR rwiyemeje guharanira amasezerano y’i Arusha, aratera ivyatsi ingendo y’umugambwe CNDD-FDD, ubandanya utegura imigambi igayitse yo gushaka kugandagura abatavuga rumwe na Leta. Frédéric Bamvuginyumvira akaba abishikirije inyuma yaho umuhari uharanira agateka ka zina muntu Iteka, usohoreye icegeranyo kivuga ko umugambwe CNDD-FDD, uriko urategura kugandagura abo batavuga rumwe iyo nama ikaba yabaye ku wa gatanu uheze mu ntara ya Karuzi. Frédéric Bamvuginyumvira akavuga ko, ingendo nk’iyo yo gutegura no gushira mu ngiro kwica abo batavuga rumwe atari irya mbere ubikoze.
IV. Icuka ca politike kibandanya mu Burundi gitera gisubiza inyuma ibisata bitandukanye vy’ubutunzi n’imibano nkuko vyemezwa n’urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC. Kubw’urwo runani, ibihumbi n’ibihumbi vy’abanyeshure barahevye ishure mu mwaka w’ishure uheze. Uretse igisata c’indero, FORSC irerekana kandi ingene indwara za malaria na choléra zibandanya ziha inkumbi mu gihugu nkuko bimenyeshwa na Ernest NKURUNZIZA, umunyamabanga nshingwabikorwa mu runani FORSC.
V. Abantu batatu barafungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi muri Komine Kibago intara ya Makamba. Bakaba bahagaritswe ari indwi ku munsi wa gatanu w’indwi iheze. Bagirizwa kuba barishe umugabo yitwa Jean Misambi. Abo batatu bagipfunzwe bakaba bariko barakorwako amatohoza.
VI. Amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme arabandanya kwibonekeza mu Burundi, bishikirizwa na Pamela Mubeza aharanira agateka k’abakenyezi n’abigeme, ni mu gihe abo bakenyezi bari mu misi 16 kuva kw’igenekerezo rya 25 za kuno kwezi bigisha ibijanye n’agateka kabo.
VII. Umukenyezi umwe aba ku mutumba Karongwe, zone Gasave, komine Buhinyuza, y’intara ya Muyinga yarishwe n’abantu bataramenyekana mw’ijoro ryo ku wa kabiri rishira iryo ku wa gatatu, nkuko amakuru ava i Karongwe abivyemeza. Ntirandekura Francine, w’imyaka 30, akaba yagandaguwe n’abantu biteye mu nzu mu gihe c’isaha zitandatu z’ijoro inyuma yaho abana ba nyakwigendera bari basohotse hanze kwiherera nkuko ayo makuru abanya avyemeza. Ababanyi ba Ntirandekura bakavuga ko uwo mukenyezi atari abanye neza n’umugabo wiwe asanzwe akorera mu ntara ya Cankuzo.