Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 27/11/2020

Publié le 27 novembre 2020 par Rédaction
I. Abashikirwa n’ivyago vyo gufatwa ku nguvu barakwiye kuva mu gacerere bakabivuga, kugira babatabarize babakingire ingaruka, nayo kubahora bashaka kumvikanisha abagirizwa ayo mabi n’abo bayakoreye bagabe, kuko ico n’icaha gikomeye. Ayo ni yo majambo icegera c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza yashikirije, igihe yariko arugurura icese isekeza ry’imisi 16 ryahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi mu ntara ya Muramvya. Prosper Bazombanza.
II. Abanyororo barakurwa mw’ibohero bakaja kuborezwa igufa ahantu hataramenyekana, bakabagarukana ari ibiruruma, nkuko biri mw’itangazo rya ACAT BURUNDI. Ivyo bikaba bimaze kwibonekeza mu mabohero ya Muramvya na Mpimba. Kubw’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, arongoye igisata c’amategeko muri iryo shirahamwe, ngo Reta na cane cane ubushikiranganji bw’ubutungane bukwiye guhagurukira ico kibazo, bugahana uwo wese yagirizwa ubwo bubisha.
III. Abamenyeshamakuru b’ikiyamakuru Iwacu barakwije imisi 404 bafunzwe hariya muntara ya Bubanza. Christine Kamikazi, Agnès Ndirubusa, Egide Harerimana na Térence Mpozenzi bafashwe kuwa 22 Gitugutu 2019 mu ntara ya Bubanza. Amashirahamwe atandukanye akaba adasiba gusaba ko barekurwa.
IV. Inzira yaciwe n’amasezerano ya Arusha ni yo yonyene yerekana ubutungane bwategerezwa gufasha abarundi, kugira basubize hamwe. Ivyo biri mw’itangazo ryasohowe n’urunani ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi CFOR Arusha. Ni mu gihe leta ya CNDD FDD imaze igihe icira imanza abantu, ikongera igafata amatungo yabo ata mategeko akurikijwe. Frédéric Bamvuginyumvira arongoye urwo runani asigura ko hari ibibuze bikomeye bidahari, kugira ubutungane bw’Uburundi butunganirize bose, na cane cane ko ubwo ubutungane ari igikoresho ca reta ya Evariste Ndayishimiye.
V. Inama y’abakuru b’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’ubutunzi CEEAC ngo n’akaryo keza ku barundi, kubona ishirahamwe nk’iryo ribugururira imipaka kugira biteze imbere. Iyo nama ikaba yatanguye kuri uyu wa gatanu, i Libreville ku murwa mukuru wa Gabon, aho n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yitavye. Faustin Ndikumana, umuhinga yigenga mu vy’ubutunzi, arerekana icizere afise kivuye kuri ukwo gukorana hagati y’Uburundi n’ishirahamwe CEEAC.
VI. Ikibanza c’ishirahamwe ry’urwaruka Jamaa kiri muri zone Bwiza, Quartier Jabe kigiye guhabwa umuntu. Ivyo bibonekera mu makete yandikiwe iryo shirahamwe ava muri sentare y’igihugu ya Mukaza. Iyo sentare ivuga ko igomba gushira mu ngiro urubanza rwaciwe n’iyo sentare nyene, mu gihe muri association Jamaa basaba ko urwo rubanza rwosubirwamwo mw’ido n’ido.

Ibindi bisa n'ibi