I. Abarundi babiri bahungiye mw’ikambi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya, baramaze imisi itatu atawuzi irengero ryabo inyuma yo gufatwa n’abantu bambaye impuzu z’igipolisi mw’ijoro ry’uwa kabiri, buca ari ku wa gatatu. Amakenga ni menshi mu ncuti n’ababanyi babo ku mutekano wabo, kuko batigeze bamenyeshwa aho boba bapfungiwe.
II. Haravurwa ubusuma bw’amazi meza n’amata ya Nido muri contingent ya 54 ya AMISOM. Abasirikare b’abarundi bagiye kugarukana amahoro muri Somaliya, babajije igituma badahabwa ayo mata bagenewe, icegera c’uwurongoye iyo contingent Nkuriyingoma, aho kubaha inyishu itomoye ngo yabaryagaguye bakabona ko ari ubusuma kuko ayo mata bagenewe iyo batayaronkejwe, batamenya iyo yazimangamiye.
III. Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’uBurundi yaraye yagirije igihugu kibanyi c’uRwanda ko ari co cateye uBurundi, mu kwezi kwa Munyonyo guheze, yabishikirije kuri uyu wa kane, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.
IV. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, yarihuse mu kwagiriza igihugu cu Rwanda, ko arico kidahengeshanya gutera Uburundi. Ivyo n’ibishikirizwa na Frédéric Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, aho amenyesha ko Petero Nkurunziza yategerezwa kurindira icegeranyo c’umurwi w’inama mpuzamakungu y’akarere k’ibiyaga binini, ari nawo ufise ico kibazo mu minwe. Frédéric Bamvuginyumvira abona ko ivyashikirijwe na Nkurunziza ari imyidogo. Uyo munyepolitike yigeze kurangura amabanga akomeye mugihugu avuga ko ivyashikirijwe na Nkurunziza bidashobora gutuma uyo murwi ugira aho uhengamiye, ahubwo ngo nibarindire icegeranyo uyo murwi uzoshira ahabona.