Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 27/12/2021

Publié le 27 décembre 2021 par Rédaction
I. Umutama w’imyaka 72 yaraye yishwe atemagujwe imipanga mw’ijoro ryo kuri uyu wa Mungu n’abantu batamenyekanye ku mutumba Mugimbu, komine Murwi, mu ntara ya Cibitoke. Elias Congera yategerewe mu nzira atashe, n’abantu bamuteze umugozi mu kayira acamwo, mu nyuma baca bamwahuka n’ibipanga, umutwe barawumenagura. Amakuru ava mu babanyi bakavuga ko ashobora kuba yazize ibijanye no kumwikeka  ko  akoresha uburozi.
II. Kuri uno wa mbere niho hatanguzwa indwi y’ibikorane vyo gushimira Imana, ibikorane vyatunganijwe na leta. Ivyo bikorane bizomara iminsi itanu, vyahereye ku nkuka ya misa yabereye ku kirimba ca Mont Sion. Mw’ijambo ryo kuvyugurura, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko ari akaryo keza ko gushimira Imana ko umwaka uheze abarundi bari mu bumwe.
III. Umwungere Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yararongoye iyo nkuka ya misa, yibukije abakristu bari aho, ko uwuza gukengurukira Imana aba ari uwubahiriza amabwirizwa y’Imana. Kubwa Musenyeri Gervais Banshimiyubusa, umutima ukenguruka, ni umutima uba wityoroye. Atari uko naho, uwo mutima wobanza gusaba imbabazi Imana.
IV. Kubw’urunani rw’abarundi bahamagarira abandi kuba intungane RCP, urunani rusanzwe rukurikiranira hafi ibijanye n’amakoraniro y’abategetsi, ngo biratangaje kwumva hari ibikorane vyo gushima mu bihe vya politike n’umutekano muke urangwa mu gihugu. Kubwa Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye urwo runani, ibikorane nk’ivyo bitunganywa kuva mu mwaka wa 2016, ariko igihugu cagumye mu marira y’abicirwa ababo kugeza uno munsi. Asaba abategetsi b’Uburundi kwiyumvira no gusengera impinduka y’ukuri, abarundi bipfuza.
V. Ubukene bw’imiti y’abagwayi batowe umugera wa Covid-19 mu ntara ya Muyinga buraraje ishinga abarwayi bapimwa iyo ndwara ku bwinshi muri ino misi. Ubwo bukene ngo buturuka ku bitigiri vyinshi vy’abaja kwipimisha bagasanganwa uwo mugera, nk’uko amakuru atandukanye atangwa na bamwe mu bagwayi avyemeza. Amasoko yacu akavuga ko mu bibanza vyinshi bisanzwe bipimirwamwo uwo mugera, hatangwa aha nini umuti wa Azitromicyne gusa, iyisigaye umugwayi agaheza akayironderera.
VI. Abakora akazi ko kuvunja amafranga mu ma komine ahana urubibe na Tanzaniya mu ntara za Makamba na Rutana, bavuga ko bakwa ibiturire na bamwe mu bajejwe intwaro. Ivyo biri uko mu gihe bakora mu kinyegero Kuva leta yugaye amazu yavunjirizwamwo amafranga.
VII. Ubushikiranganji bujejwe urwaruka buratera akamo urwaruka kuzokwitabira amatora y’abagize urwego rw’inama nkuru y’urwaruka mu Burundi. Ezechiel Nibigira, umushikiranganji w’urwaruka, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru,  kuri uyu wa mbere, yamenyesheje ko ayo matora atunganijwe kuva ku nzego zo hasi ku mitumba, mu kwezi kwa mbere, kandi akazokwisunga ibijanye n’intwaro rusangi.
VIII. Bagiye hamwe kugira ngo bagume biyunze kandi bafashanye ntibicwe n’ubukene. Abo nabo n’urwaruka rw’abarundi bahungiye i Nairobi muri Kenya. Ishirahamwe ryabo ryitwa « Twese tuzotaha tukiri bazima » ribatuma bashobora guhangana n’ubuzima bugoye muri ico gisagara babamwo, gurtyo ntibabeho bateze amashi.
IX. Imigwi ya Dynamo, Kern, les Hypos na Gymkhana niyo izokina igice ca kabiri gishira ica nyuma c’ihiganwa rya basketball ryiswe “Ni nde akomeye kurusha uwundi”. Muri Beach Soccer naho, ihiganwa ryabandanije ku musenyi wa Tanganyika.

Ibindi bisa n'ibi