Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 27/12/2022

Publié le 27 décembre 2022 par Rédaction
I. Umushingwamanza akaba n’umwe mu baharanira agateka ka zina muntu Tony Germain Nkina aridegemvya kuva kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 27 Kigarama umwaka wa 2022. Akaba arekuwe inyuma y’imyaka irenga ibiri apfunzwe ku karenganyo nk’uko vyemezwa n’abaharanira agateka ka zina muntu. Carina Tertsakian, umushakashatsi mw’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi IDHB, yipfuza ko ata wundi mu baharanira agateka ka muntu yosubira gupfungirwa akazi akora. Ahamagarira abategetsi b’Uburundi gutezurira abandi bose bapfunzwe bahorwa ivyaha vya politike.
II. Indongozi zari zikwiye kuba intungane nkuko ijambo ry’Imana ribivuga. Vyashikirijwe na musenyeri Joachim Ntahondereye arongoye inama nkuru y’abepiskopi mu Burundi. Hari mu ntango y’imisa yo gutanguza iminsi itandatu y’amasengesho y’igihugu mu ntara ya Kirundo.
III. Ibikorane bitegurwa n’umugambwe CNDD-FDD hamwe na leta, nta mwimbu bizanira igihugu uretse ko ari ugusesagura amatungo y’igihugu. Ivyo bishikirizwa na Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’impunzi CBDH-VICAR. Ni mu gihe umukuru w’igihugu n’abategetsi batari bake bacitabiriye. Léopold Sharangabo asaba leta guhagarika uwo mugenzo, amafranga akoreshwa ivyo bikorane agafasha mu guteza imbere igihugu.
IV. Imyidogo ni myinshi mu badandaza b’ibinyobwa vya BRARUDI mu gisagara ca Rumonge. Bavuga ko bakwa amafranga menshi iyo bagiye kurangura kw’idepo y’uwitwa Samueli. Inzoga uwo mudandaza ahabwa na BRARUDI, yararahiye ararengwa ko adashobora kuzidandaza ku giciro kizwi n’amategeko. Aho bigeze ngo asigaye yaka n’ibiturire kugira ngo abakiriya bashobore kurangura. Ivyo bigatuma abihereza ivyo binyobwa babigura ku giciro kinini kirengeye ico leta yashinze, hanyuma bagakora bahomba.
V. Abanyagihugu bakoresha ibarabara rya Randa-Kagwema bita Cyangugu, ni muri komine Gihanga y’intara ya Bubanza, basaba ko risanurwa ngo kuko ryononekaye cane. Bavuga kandi ko kuba iryo barabara ryarononekaye bibagirako ingaruka, kuko n’ivyo baba bimbuye bataronka ingene babishora ngo bikenure.

Ibindi bisa n'ibi