Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 28/01/2022

Publié le 28 janvier 2022 par Rédaction
I. Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye aragabisha abigisha bari mu ma sendika atandukanye ko hamwe bahirahiriye bagahagarika akazi, bazoca bakomborwa mu kazi kabo. Ivyo akaba abivuze inyuma yaho abo bigisha bahurikiye mu runani mpuzamasendika y’abigisha COSSESSONA, bari bagabishije ko bazohagarika akazi mu gihe leta itoheba ingingo yafashe yo kubakoresha ikibazo ivuga ko hoba hari bamwe muri bo boba badafise ubumenyi bukwiye. Ivyo umukuru w’igihugu akaba yabimenyesheje kuri uyu wa kane, mu masengesho ategurwa n’umugambwe akomokamwo CNDD-FDD imisi yose ya kane isozera ukwezi.
II. Kubwa Eulalie Nibizi yahoze ari icegera c’uwurongoye umugwi w’igihugu ujejwe kwumvikanisha leta n’abakozi CNDS, ngo iyo mvugo y’umukuru w’igihugu igaragaza ko atazi neza intambwe ibiganiro hagati y’abigisha na Leta bigezeko. Eulalie Nibizi asaba ko hokubahirizwa amasezerano ajanye n’uburenganzira bw’abakozi yashizweko igikumu mu mwaka wa 2011.
III. Iterabwoba umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ariko agira ku barimu ko bazosubirizwa n’abandi, ntibigira ifatiro na gato. Nimba hari hakenewe gutanga amanota ku bakoze neza canke gukarihiriza ubwenge abakozi ba leta, vyategerezwa guhera hejuru kuko niho vyose vyapfiriye. Ivyo bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu. Frédéric Bamvuginyumvira avuga ko ahubwo umukuru w’igihugu yarenze akarimbi kuko ico kibazo kirafise aho kiriko kirigirwa.
IV. Leta y’Uburundi yaradugije ibiciro vy’ibitoro kuva kuri uyu wa kane. Ilitiro rya essence ryavuye ku mafaranga 2400 rija ku 2700, ilitiro rya Mazout riva ku 2350 rija ku 2650, na yo Pétrole yavuye ku 2100 ilitiro ija ku 2450. Ibrahim Uwizeye, umushikiranganji ajejwe ibijanye n’igitoro, asigura ko ibiciro vyaduze ku masoko mpuzamakungu.
V. Iryo duzwa ry’ibiciro ku bitoro rije ryiyongera ku bindi biciro bimaze igihe biduga bidasanzwe, ku bidandazwa bitandukanye. Bivugwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM rihamagarira abarundi guhindura ingendo. Asaba nyabuna leta y’Uburundi gutunganya umugambi nyawo wo guteza imbere ubutunzi bw’igihugu.
VI. Ubukene bw’isukari burabandanya kwibonekeza mu ntara zitandukanye z’igihugu, naho uwurongoye ishirahamwe rihingura isukari SOSUMO mu gisata c’ubudandaji yari yatanze icizere ko igiye kuboneka guhera ku wa mbere w’ino ndwi turimwo. Radiyo Inzamba ikaba yatembereye mu ntara zitandukanye z’igihugu nko mu Rumonge, mu Kayanza eka no mu ntara ya Muyinga, aho hose bakavuga ko isukari ari umuzi w’ibuye kugira uyironke. Iyo ibonetse naho ikagurishwa umurengera. Abanyagihugu bagasaba ishirahamwe SOSUMO gutorera umuti w’ico kibazo.
VII. Iryo kena ry’isukari ryatumye abaserukira ubugenduzi bukuru bwa leta bamara imisi itatu bariko baratohoza ku bunyonyezi bwagirizwa musitanteri wa Komine Nyabihanga, mu ntara ya Mwaro. N’inyuma yaho uwo musitanteri afataniwe ibiro igihumbi vy’isukari. Adrien Ntunzwenimana ubu akaba ariko aragerageza kurondera abamushigikira nk’uko amakuru ava ngaho i Mwaro abivuga, haba mu badandaza canke mu bo basangiye  umugambwe uri ku butegetsi.
VIII. Impunzi z’abarundi bahungiye mw’ikambi y’i Kakuma mu gihugu ca Kenya baridoga bavuga ko batangishwa ibiturire mu kuronswa ivyangombwa bafitiye uburenganzira. Mu runani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’impunzi ziba mu makambi, bavuga ko babizi kandi bagatera ivyatsi iyo ngendo ya bamwe mu bakozi b’igisata ca ONU kijejwe impunzi HCR.
IX. Ku wa 28 nzero umwaka wa 1998, Uburundi bwarabuze uwari umushikiranganji wo kwivuna abansi Colonel Firmin Sinzoyiheba mw’isanganya ry’indege ya Kajugujugu i Gihinga mu ntara ya Mwaro. Akaba yapfanye n’abandi bantu bagera kuri bane. Inyuma y’imyaka 24 iheze, abarundi bamumenye bamwibuka nk’umuntu w’intungane kandi w’incabwenge.

Ibindi bisa n'ibi