Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 28/01/2023

Publié le 28 janvier 2023 par Rédaction
I. Ikiza ca cholera kirabandanya gukwiragira mu gisagara ca Bujumbura. Kuva ku musi w’ejo wa gatanu muri karitye Busoro yo muri zone Kanyosha, hamaze kwibonekeza abantu bafashwe batatu. Babiri bakaba bajanywe kuvurirwa ku bitaro Prince Régent Charles. Uwundi aracari kw’ivuriro, barindiriye ibipimo. Abanyagihugu bavuga ko bishobora kuba biterwa n’uko ata mazi bafise. Bakagira ubwoba ko ikibazo c’amazi kitavuye mu nzira, ico kiza ca cholera batazoshobora kukirwanya. Basaba abajejwe intwaro kwihutira gukorana na Regideso kugira amazi aboneke.
II. Uyu musi abategetsi b’Uburundi bari bakwiye guhindura ibihe bibi cane Uburundi burimwo, kuko bariyemerera ko babigizemwo uruhara. Ivyo bishikirizwa na Kefa Nibizi, arongoye umugambwe CODEBU, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatandatu i Bujumbura. Arababazwa n’ukubona abanyagihugu babayeho mu buzima bubi, kubera ugutunganya nabi ubutunzi bw’igihugu bwari bukwiye gusangirwa n’abarundi bose. Akemeza ko bagiye gutunganya ibiganiro n’abanyagihugu kugira babereke uko ibintu vyifashe, kugira baze bavyisunge mu matora azokurikira.
III. Abasirikare 27 bari bamaze amezi arenga atatu, bapfungiwe mu gasho k’igipolisi c’igisirikare bagirizwa kugira uruhara mu busuma bubera mu gisata kiraba ibijanye n’imishahara y’abasirikare DCT, baraye barekuwe. Amakuru atangwa n’abasirikare akavuga ko barekuwe kugira babandanye kuburana bidegemvya. Abo 27 barekuwe inyuma y’aho mu ntango z’iyi ndwi, abandi 30 bakurikiranwa kuri ico caha nyene kimwe, barungikitswe mw’ibohero rya Rumonge, aho bita ku Murembwe.
IV. Uno musi, ikiganiro Kw’Isôko kiza kubashikana i Kigali mu gihugu c’Urwanda, aho haraye hasozerewe festival yitiriwe « ITEKA AFRICAN CULTURAL FESTIVAL ». Akaryo ko guharanira amahoro, umubano mwiza, ubuntu n’ubumwe hagati y’abanyafrika.

Ibindi bisa n'ibi