I. Ugupfungwa imyaka cumi n’ukuriha ihadabu ry’amafranga angana 100.000, ni co gihano sentare nkuru y’igihugu ya Ngozi yaciriye kuri uwu wa kabiri umugore yitwa Espérance Ahishakiye wo ku mutumba Rusuguti mu gisagara ca Ngozi. Hakaba ari inyuma y’aho yagiriwe n’icaha c’ugukubita akongera agakomeretsa cane umwana wiwe w’imyaka indwi kw’igenekerezo rya 20 Ruhuhuma uwu mwaka turimwo.
II. Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca araremesha abasaba impapuro z’inzira passeport y’uko mu minsi mike zitazosubira kubura mu biro bizitanga. Yabishikirije imbere y’abashingamateka mu ndwi iheze. Gervais Ndirakobuca yishimikiza amasezerano mashasha aherutse guterwako igikumu, hagati y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’ishirahamwe rishasha rigiye kubandanya rikora izo mpapuro ku giciro gito.
III. Hakwiye gukorwa nyabuna amatohoza ku manyanga yerekeye ibura ry’impapuro z’inzira passeport, kugira ngo abagirizwa ubwo busuma bahanwe. Bishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM rikangurira abarundi guhindura ingendo. Ni mu gihe umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca ubwiwe yemeje ko hari abakoze ayo manyanga. Faustin Ndikumana akizera ko igiciro c’impapuro z’inzira kizoca kigabanuka.
IV. Igenekerezo rya mbere ntwarante uko umwaka utashe amakungu arahimbaza umunsi wahariwe ugukingira abanyagihugu, n’ivyabo. Kubw’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu iterambere rusangi n’umutekano Martin Niteretse, ngo uwo munsi uguma ari akaryo ko kwirimbura no kwerekana imigambi yo gukingira abanyagihugu ibiza.
V. Imyidogo ni myinshi ku bavyeyi, abayobozi b’amashure y’ubuhinga hamwe n’abanyeshure biga kaminuza mu bisata vy’ubuhinga bo mu ntara ya Makamba. Ni mu gihe biyamiriza ingingo zifatwa n’ibisata bitandukanye vy’abigenga babankira kuronswa aho bimenyereza mu gushira mu ngiro ivyo babonye mw’ishure. Amakuru dukura muri iyo ntara, amenyesha ko iyo umunyeshure aronse aho yimenyereza, aheza agatangishwa amafranga y’ivyo vyigwa vyo kwimenyereza ari vyo stage ari hagati y’ibihumbi mirongo itanu 50 000 n’ibihumbi ijana 100 000 bivanye n’ishure. Abarongoye amashirahamwe atanga iyo myimenyerezo, bakamenyesha ko ayo mafranga aba ari agashimwe k’abajejwe kubafasha ico gikorwa co kwimenyereza. Abo bavyeyi hamwe n’abayobozi b’amashure basaba leta ko yofata mu minwe ico kibazo.
VI. Imvugo y’abategetsi bo hejuru bavuga ko kwiga ata co bimaze ituma abana baheba amashure barwirirana. Iyo mvugo ikerekana ko ata bushake bwo guteza imbere igisata c’indero leta yogira. Ivyo bivugwa na Karoli Nditije, akurikiranira hafi ibibazo vy’indero mu Burundi. Akavuga ko kugira abana bijukire ishure bakenera vyinshi, uhereye ku vyo baronswa muhira, n’ibikoresho vy’ishure.