I. Nta mugwayi n’umwe wa corona virus ari mu Burundi. Ivyo vyatangajwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu no kugwanya ikiza sida, Thaddée Ndikumana, kuri uyu wa gatandatu. N’inyuma yaho abantu 4 bari bapimwe bakekwako bagwaye ico kiza bose, uwo mushikiranganji yatangaje ko atayo banduye. Aha akanasaba abanyagihugu kwima amatwi ivyo yise ibihuha vy’amaradiyo yo hanze, kuko bifise umugambi wo guca imitima y’abarundi muri iki gihe isanzwe itekanye.
II. Imyidogo ni myinshi mubegeranirijwe hamwe mw’ihoteri Nazareth, iri kobero mu ntara ya Muyinga, ku mupaka w’u Burundi na Tanzaniya. Aho bamenyesha ko bari mu bukene budasanzwe, ivyo tubimenyeshwa na bamwe mu miryango yabo, bavuganye na Radio Inzamba
III. Ishirahamwe ACAT-BURUNDI risaba Reta gufata ingingo zihuta zo kugabanya ubwinshi bw’abafungwa mu mabohero. Ni mu ntumbero yo gukingira ikiza ca Corona virus, abari mu mabohero n’abakozi basanzwe bakorerayo. Ivyo bishikirizwa n’umushingwamanza Armel NIYONGERE, asanzwe arongoye iryo shirahamwe.
IV. Amezi atandatu araheze, abanyagihugu bo muri zone Rukaramu, komine Mutimbuzi, batagira amazi meza ya Rusengo. Bakavuga ko ivyo basabwa kwama bakaravye kugira bikingire ikiza ca coronavirus bidashoboka. Abo banyagihugu bagiriza abari mu ntwaro gufata minenerwe ico kibazo.
V. Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, asaba ibihugu vya buraya na Amerika kwihutira gufasha Afurika ku rugero runini kugwanya akaranda ka Corona, ibara ritararwa. Antonio GUTERRES avuga kandi ko Afrika ikumiriwe, intambwe imaze gushikwako mu kurwanya ako karanda ataco izoba ikimaze, kuko umugera wa Corona uzosubira kandi kwibonekeza mu bihugu vyawugwanije uvuye muri Afurika. Antonio GUTERRES akaba yavugiye kw’iradiyo y’abafaransa RFI.
VI. Umugambwe CNL uriyamiriza amakosa aciye kubiri n’ibwirizwa rigenga amatora, ariko arakorwa n’umurwi CENI ujejwe ugutunganya amatora. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru Thérence Manirambona avugira uwo mugambwe, aratanga uburorero aho mbere bamwe bariko barategekwa kwikura kuntonde z’abitoje, ababiri inyuma akaba aribamwe mu batwara CENI mu ntara, hamwe na bamwe mubajejwe intwaro.
VII. Urunani Kira Burundi ruvuga ko rushimishijwe n’urubanza rwaraye ruciwe na Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, aho iyo sentare yemereye urwo runani kuzokwitoza mu kibanza c’abashingamateka mu ntara 5 z’igihugu. Urwo runani rwari rwituye iyo sentare, inyuma y’aho umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI, wankiye amadosiye yarwo ku bazokwitoza mu kibanza c’abashingamateka mu ntara zose z’igihugu, urwagiriza kuba rudakwije ibisabwa. Georges Nikiza avugira urunani Kira Burundi, agasaba umurwi CENI kwiga ama dosiye wari wahagaritse yo mu nama mpanuzwa jambo z’ama komine.
VIII. Abantu 6 kuri 12 bari bafungiwe mw’ibohero rikuru rya Bururi, bararekuwe ku wa 26 Ntwarante uwu mwaka. Abo bose uko ari 12, bari abanywanyi b’umugambwe CNL kiretse umukuru w’umutumba ari umunywanyi w’umugambwe CNDD-FDD, bakaba bari basangiye dosiye ijanye n’igandagurwa ry’umwe mu rwaruka rw’imbonerakure, mu kwa kabiri guheze ku mutumba Mahango, komine ya Matana, intara ya Bururi. Abanywanyi b’umugambwe CNL mu ntara ya Bururi bakaba babona ko iyo dosiye iriko ifata intumbero ya poritike.
IX. Umukuru w’umutumba Kidasha, muri zone RWISABI, ya komine MUTAHO, mu ntara ya GITEGA, aragirizwa gushurashuza abana bari mu murwi w’ibiswi vy’inkona bo kuri uyo mutumba. Umukobwa w’imyaka ari mu kigero c’imyaka 15, aka amaze gusama inda. Abagumyabanga bo ku mutumba RWISABI, bakaba bagerageje kubipfukapfuka. Abanyagihugu bo kuri uyo mutumba bakaba basaba ubutungane n’abaharanira agateka k’abana, guhaguruka bakagarukira abo bana.
X. Mu kigabane Kw’isoko c’uno musi, nk’uko vyama ku misi ya gatandatu, tubabwira ingene ibwirizwa rijanye n’amatora ritegekanya uko imyiyamamazo izogenda.