Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 28/03/2023

Publié le 28 mars 2023 par Rédaction
I. Umunyororo w’imyaka 25, ukuriha ihadabu y’amafranga ibihumbi amajana abiri n’ukwakwa uburenganzira bw’ugusubira gukora akazi ka leta ku butaka bw’Uburundi, ni co gihano parquet ikukira sentare nkuru y’igihugu ya Ngozi yasabiye kuri uwu wa kabiri umwigisha Ezéchiel Minani aheruka gufatwa ariko ashurashuza umwigeme yigisha. Urubanza rwaciye ruja mu mwiherero rugashobora kuzosomwa kuri uwu wa gatatu.
II. Kuri uyu wa kabiri hari hategekanijwe sentare y’icese mu rubanza rwa muganga Christophe Sahabo amaze umwaka afunzwe ataraburana, apfungiwe mw’ibohero ryo mu Ruyigi. Urwo rubanza rwari rutegekanijwe ntirwabaye kuko sentare nkuru ya Muha yasubije dossier muri parquet. Kubw’umushingwamanza Gustave Niyonzima akurikiranira hafi urwo rubanza amenyesha ko iyo ngingo yo gusivya urwo rubanza itisunze amategeko.
III. Umushingwamanza Gustave Niyonzima arongera akamenyesha ko umugwi uburanya Muganga Christophe Sahabo wamaramaye kuko ata vyemezo bifashe vyo kumwagiriza, na rirya incuti n’abagenzi biwe bari biteguye kuza kurwumviriza, harimwo abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu n’abandi.
IV. Indongozi zo mu gihugu zituruka mu mugambwe CNDD-FDD zikwiye guhagarika kwitiranya amabanga y’umugambwe ziturukamwo hamwe n’ay’igihugu, zikareka gutoza amahera mu banyagihugu atazwi na hamwe. Ako n’akamo gaterwa na Frederico Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu. Akabivuga inyuma y’imyidogo iri mu banyagihugu bo mu ntara ya Kayanza, kubera bariko baratozwa amahera ku nguvu yo kugura inka yo kugabira umukuru w’umugambwe CNDD-FDD muri iyo ntara. Bamvuginyumvira asaba abarongoye igihugu guhagarika iyo ngeso iteye isoni yo gusaba abanyagihugu intererano, kandi bazi ko ari bo bateye ubukene abo barongoye.
V. Imyidogo ni myinshi mu bakozi ba Leta y’Uburundi, bivuye ku ngingo iheruka gufatwa na banki nkuru y’igihugu BRB, ibabuza gusubira kwaka ideni rirenga ibice 60% ry’agashahara kabo, hamwe no kutarenza iryo deni nyene ku myaka 5. Iyo ngingo ikaba yatanguye gushirwa mu ngiro kuva kw’italiki ya mbere ya kuno kwezi kwa gatatu. Abo bakozi babona ko bizobagora kwiteza imbere mu gihe bahora bikora ku tudeni baka muri banki mu dukorwa twabo two kwiyungunganya.
VI. Abarundi bategerezwa kumenya birushirije ibikorwa birangurirwa mu nama nshingamateka y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko. Vyashikirijwe na Joseph Ntakarutimana arongoye kino gihe iyo nama nshingamateka. Ni mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere i Bujumbura mu gihe abashingamateka bagize uwo muryango bagiye kumara indwi zibiri bakorera mu Burundi. Ngo birababaje kubona abarundi atari bake batazi bikwiye iryo shirahamwe n’ivyo rijejwe.

Ibindi bisa n'ibi