Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 28/04/2020

Publié le 28 avril 2020 par Rédaction

I. Umukandida yigenga, mu matora y’umukuru w’igihugu, Dieudonné Nahimana, yatanguriye imyiyamamazo yiwe kuri uno wa mbere, mu gisagara ca Bujumbura. Mu migambi yiwe azoshira imbere, harimwo kugabanya ubusumbasumbane hagati y’abarundi mu bijanye n’imibano, hamwe n’ukwitaho kazoza k’urwaruka. Turagaruka kuvyaranze ukwiyamamaza kwiwe.

II. Umugambwe SAHWANYA FRODEBU mu migambi ufitiye abarundi waraye utangaje imbere y’abanywanyi bawo, kuri uyu wa mbere, ko uzoshira imbere gukundisha abarundi ibikorwa, kugira bashike kw’iterambere. Léonce   NGENDAKUMANA azohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yo muri Rusama, avuga y’uko aramutse atowe, azosubiza ijambo umunyagihugu yatswe. Léonce NGENDAKUMANA kandi avuga y’uko amabwirizwa yose ahonyanga agateka k’umunyagihugu, azofutwa bidatevye, ahereye kw’ibwirizwa nshingiro riheruka gutorwa.

III. Ikiza ca Coronavirus gishobora kwiha inkumbi muri kino gihe c’imyiyamamazo y’amatora mu gihugu c’Uburundi, ivyo bishikirizwa na muganga Arcade NKURUNZIZA. Ku bwiwe, ngo amakoraniro y’abantu benshi ni kimwe mu bigwiza ibitigiri vy’abarwayi, ingaruka yavyo n’uko amavuriro ashobora kurengerwa, abantu bagapfa ku bwinshi.

IV. Pasteur Mpawenayo, umunywanyi wa CNL, apfunzwe ivy’imfatakibanza mu ntara ya Ngozi, inyuma yaho hari umusore yiga muri kaminuza y’i Ngozi, yatowe ari ikiruruma yatwawe n’imodoka ya Mpawenayo, ivyo adahakana. Uwo musore yafashwe na ba CNL, igihe bariko bariyamamaza i Ngozi, afise urutonde rw’abagendesha amapikipiki bariko bunguruza aba CNL, ivyo bari babujijwe n’igipolisi.

V. Amashirahamwe 15 ataho yegamiye mu vya politike, yandikiye umunyamabanga mukuru wa ONU, n’uwurongoye komisiyo y’ubumwe bwa Africa, ko bokurikiranira hafi amatora ariko araba mu Burundi, hakivurwa ihohoterwa rya kiremwa muntu, n’abamenyeshamakuru batigenga. Vital Nshimirimana arongoye FORSC, akabona ko iryo hohoterwa rishobora kubandanya.

VI. Ubwoba ni bwinshi mu bateshejwe izabo muri site yo mu Gikomero, muri komine Rango, mu ntara ya Kayanza. Amakuru ava ngaho muri iyo site, ngo n’uko hoba hariho umugambi wo gushaka gutahukana ababa muri iyo site, babanje kuvyita ko ari kugushaka kwabo. Abari kw’isonga y’uwo mugambi, ngo ni umuhuza Edouard Nduwimana, asanzwe aturuka muri iyo ntara, be n’uwurongoye umugambwe CNDD-FDD mu Kayanza.

VII. Évariste Ndayishimiye ariko ariyamamaza mu kibanza c’umukuru w’igihugu kuri uyu wa mbere, ari muri komine Bugendana mu ntara ya Gitega, yaramenyesheje ko mu migambi azokwihutira atsinze amatora harimwo gusubiza muzabo, abantu bose bari muma site y’abateshejwe izabo mu 1993. Thérence Mushano arongoye ishirahamwe AC génocide Cirimoso, akabonako ari umugambi mubi wo kuzimanganiriza ubuzima abaziteshejwe, ngo leta ni yubahirize amasezerano akingira abahungiye hagati mu gihugu, yasinywe mu 2009, i Kampala muri Ouganda.

VIII. Umunyagihugu wo ku mutumba Bugega, muri komine Buraza y’intara ya Gitega, asanzwe ari n’umunywanyi w’umugambwe CNL, apfungiwe mu kibanza kitaramenyekana haraheze imisi itandatu. Yafashwe n’uwurongoye iperereza muri komine Gishubi, kw’itegeko rya musitanteri wa komine Buraza, Didace Rutozi. Umuryango wiwe ukaba waranasabwe amafranga yo kumurekuza, utako urayatanga, ariko ntiyarekurwa. 

IX. Hari impunzi y’umurundi yatemaguwe arakomereka cane kuri uyu wa mbere, mw’ikambi y’impunzi z’Abarundi, ya Nduta mu gihugu ca Tanzania. Icegera c’uwurongoye urunani ruharanira agateka ka zina muntu mu ma kambi y’impunzi, akavuga ko biri mu rukurikirane rw’itotezwa ry’impunzi z’Abarundi bari mu gihugu ca Tanzania, agasaba leta y’ico gihugu, gukingira izo mpunzi no gushengeza ababakorera amabi. Léopold Sharangabo, ni icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe bita CBDH-VICAR mu mpfunyapfunyo.

Ibindi bisa n'ibi