I. Hari umuntu yishwe mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu muri zone Maramvya ya komine Burambi mu ntara ya Rumonge. Mu muryango wiwe bakamenyesha ko bamuheruka avuye kw’isoko ya Kiganza. Ayo makuru nyene amenyesha ko yo yishwe anizwe kuko yarafise ibikomere mw’izosi. Uwishwe ni umwigisha waho mu Maramvya yitwa Nimbona Thomas. Abamwishe bakaba kugeza ubu bataramenyekana. Amakuru y’urupfu rwiwe aremezwa n’abajejwe intwaro n’igipolisi muri komine Burambi, aho bavuga ko amatohoza yatanguye.
II. Abapolisi bahora bagendanira abategetsi bagiye gusubira mu makambi yabo, umutegetsi azokwerekana ko umutekano wiwe ugeramiwe, ni we azoronswa uwumugendanira. Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano Gervais Ndirakobuca. Uwo mushikiranganji asigurako ico gikorwa kizoherana n’uyu mwaka turimwo, kugira ibirwanisho vyose vyahora bifise abo bapolisi bisubizwe mu makambi.
III. Iyo ngingo yo kwaka abajejwe umutekano bamwe mu bategetsi b’igihugu ngo nta ntumbero na gato ifise yo gushaka gutsimbataza umutekano w’abanyagihugu muri rusangi. Ivyo bishikirizwa na Jeremie Minani arongoye umugambwe RDB. Asigura ko ku bwiwe intumbero ari iyo gushaka gutsimbataza nyabuna ako yita akagwi gato kari ku butegetsi bwa CNDD-FDD. Iyo ngingo ikaza itera ubwoba na cane cane abatavuga ururimi rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi.
IV. Ishirahamwe RCP ryishinze gukangurira abarundi kuba abantu b’intungane rirasaba rishimitse leta gukora amatohoza akomeye, kugira abagizi ba nabi bitwaje ibipanga bagize imisi bagisibije muri quartier ya Jabe muri komine Bwiza, badomweko urutoke kandi bakubitwe intahe mu gahanga. Abo bagizi ba nabi baramaze gukomeretsa cane abantu batatu mu kiringo c’imisi ine gusa. Ishirahamwe RCP rirasaba na REGIDESO gutorera umuti ikibazo c’umuyagankuba muri iyo quartier, kuko abo bagizi ba nabi bikika mu gahumbezi kugira bakore amabi. Gervais Nibigira icegera c’umukuru w’ishirahamwe RCP.
V. Barasaba umukuru w’igihugu guhagarika isoko yababa umuliyaridi n’imiliyoni 900 z’amafranga y’amarundi agomba anyuruzwe. Abo n’abakozi bo mw’ishirahamwe ryo gukwiragiza umuyagankuba mu gihugu hagati Agence burundaise d’électrification rurale ABER mu mpfunyapfunyo. Abo bakozi bagiriza umuyobozi wabo guca kubiri n’amategeko mu gushaka kuritanga habayemwo ibiturire.
VI. Ikibazo c’igitoro ntikirashobora gutorerwa umuti mu ntara ya Rumonge. Abakirondera bavuga ko muri iyo ntara ata na hamwe hari igitoro. Ku masoko yo mu kinywabi naho igihari bagasigura ko kiva mu gihugu ca Tanzaniya.
VII. Abanyagihugu bamaze amezi arenga atatu bari mu bibazo vy’iduzwa ry’ibiciro mu mpande zose z’igihugu, vyaturutse ku bukene bw’igitoro butaratora umuti gushika n’uno musi. Imyidogo ni myinshi ku baguzi ariko leta nta nyishu ihumuriza itanga ku banyagihugu.
VIII. Aba pasitori batatu b’ishengero EUSEBU muri komine Nyanza-lac mu ntara ya Makamba bari bamaze hafi ukwezi mu gasho k’iyo komine, kuri uyu wa gatandatu barungururijwe mu gasho k’iperereza mu gisagara ca Bujumbura. Abandi 9, baba mu kinyegero kuva aho hagandaguriwe aba pasitori babiri b’imboneza muri iryo shengero.
IX. Abantu 4 muri 11 bo ku mutumba Mbizi wa komine Kibago baraye barekuwe n’igipolisi co ku mugwa mukuru w’intara ya Makamba. Bamwe muri abo bakaba bari bafashwe n’igipolisi hamwe n’iperereza kw’igenekenerezo rya 9, abandi 18 uku kwezi. Abo bahagaritswe bakaba bava mu miryango 2 harimwo abakenyezi 2, muri bo umwe afise uruhinja rw’amezi 3 akaba yasigaye apfunzwe mu gihe umugabo wiwe bari bapfunganywe yarekuwe. Tubamenyeshe ko abo banyagihugu bo ku mutumba Mbizi muri komine Kibago bahagaritswe inyuma y’abandi barenga 20 bahagarikiwe mu ntara ya Rutana bose bikavugwa ko bariko bagirwako amatohoza ku migwi y’abagwanyi bagomba gushinga. Bamwe mu bafatiwe mu ntara ya Rutana ubu bakaba bapfungiwe mw’ibohero rya Rutana, abandi mu Mpimba.