I. Sentare nkuru y’igihugu ya Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura ihejeje gufata ingingo kuri uyu wa gatanu yo kurekura abaharanira agateka ka muntu batanu, bari bahagaritswe ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye ca Bujumbura, ku wa 14 Ruhuhuma bagiye mu nama y’akazi i Kampala mu gihugu ca Ouganda. Abo na bo ni: umushingwamanza Sonia Ndikumasabo arongoye ishirahamwe AFJB, Marie Emerusabe wo muri AFJB, Audace Havyarimana arongoye APDH, Sylvana Inamahoro wo muri APDH, na Prosper Runyange wo muri APDH. Bose uko ari batanu bari barengutse kuri uyu wa kane imbere y’iyo sentare. Muri Ruhuhuma 2023, umushikiranganji Martin Nin,teretse yari yagirije ivyaha bikomeye cane abo baharanira agateka ka zina muntu, harimwo no gufasha imihari y’iterabwoba. Ivyo vyose yabivuga ata cemezo na kimwe afatiyeko, nk’uko vyagiye bishikirizwa n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi no kw’isi.
II. Olivier Bugegene, yahora ari umumenyeshamakuru muri radiyo RPA Ijwi ry’abanyagihugu yafashwe n’ibiro bikuru vy’iperereza ejo ku musi wa kane. Imvo z’ifatwa ryiwe kugeza ubu zikaba zitaramenyekana.
III. Umukuru w’umutumba Muhanda muri zone Buruhukiro muri komine Rumonge ari kumwe n’abandi bantu batatu barashengejwe muri sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Rumonge kuri uwu wa gatatu. Yagirijwe icaha co kugobera umukenyezi kugira ngo bakorane imibonano mpuzabitsina, abandi na bo bagirizwa gukwiragiza amakuru atari yo ku mbuga ngurukanabumenyi. Amakuru ava ku mutumba Muhanda, avuga ko uwo mugore yoba yarakoreshejwe mw’irementanya kugira ngo uwo mukuru w’umutumba akurwe.
IV. Abantu babiri bari mu bayoboke b’ishengero EUSEBU muri komine Nyanza lac iri mu ntara ya Makamba, bafungiwe mu gasho ka komine kuva ku musi wa gatatu w’iyi ndwi. Bagirizwa kuzimanganya ibikoresho vy’umuziki vy’iryo shengero.
V. Inkuru nziza ku basirikare n’abapolisi, imishahara yabo yongerejwe. Aya mbere bazoyahembwa muri kuno kwezi kwa kane nk’ukwo bamwe muri bo babitumenyesha. Bari bamaze imyaka itari mike bidoga ko bahembwa intica ntikize. Abasirikare n’abapolisi barashima cane iyo ngingo y’umukuru w’igihugu, ariko ntibavuze urugero rw’ayo bongejwe.
VI. Haraheze indwi 2 musitanteri wa komine Gashoho mu ntara ya Muyinga ahagaritse urudandazwa rw’ibitoke biganwamwo urwarwa. Iyo ngingo ngo ikaba yafashwe ku neza y’abanyagihugu, kuko batari bakironka akavu ko gutabira imirima.