Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 28/05/2022

Publié le 28 mai 2022 par Rédaction
I. Amafranga ari hagati y’ibihumbi 50 n’ibihumbi 100 ni yo atozwa ku nguvu n’intwaro mu ntara ya Muyinga. Agenewe kwubaka ibiro vy’iyo ntara. Imyidogo ikaba ari myinshi ku badandaza bakorera ku mugwa mukuru w’iyo ntara. Bababazwa n’ukwo hariko hakora igikenye bakanavuga ko batigeze bagirishwa inama ku bijanye n’iyo ntererano.
II. Komine ya Muyinga, mu ntara ya Muyinga nyene, iriko ikoresha uburyo buhushanye n’amategeko agenga kurihisha ikori ry’agataka ku ngo zarengeje ikiringo co kuriha. Umushingwamanza Janvier Bigirimana avuga ko amategeko ategekanya neza ingene hatangwa amahadabu ku barengeje ikiringo batarinze guhonyanga agateka ka kiremwa muntu. Twibutse ko mw’isekeza yo gutoza amakori y’agataka komine ya Muyinga irimwo, abakozi bayo bafata abana bakuze canke umukozi wo mu nzu bakabagira imbohe gushika nyene urugo aboneke.
III. Itoni mirongo ibiri n’indwi z’ikawa yumye zarashikirijwe uwurongoye ikigo c’igihugu kijejwe guteza imbere igiterwa c’ikawa ODECA kuri uyu wa gatanu. Iyo kawa iherutse gufatirwa mu mihana yo ku musozi Kigume wa komine Gatara akaba yayishikirijwe n’umushikirizamanza wa Republika mu Kayanza. Abantu batanu barahagaritswe kugira bagirweko amatohoza ku bijanye n’iyo kawa.
IV. Biracashoboka kunagura ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru ONATEL. Ivyo bigasaba ko leta ifata ingingo zidasanzwe mu kugena indongozi zishobora guhangana n’ibihe iryo shirahamwe ririmwo. Ariko iryo nagurwa rero ntiryosiga inyuma ineza y’abakozi. Ivyo ni bimwe mu vyo abakozi ba ONATEL banditse, bavuga ko vyoshobora gufasha kunagura iryo shirahamwe.
V. Harakwiye ko haba ingingo y’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi mu gukinga no kurwanya irandagata ry’indwara y’ibitungwa izwi kw’izina rya Fièvre de la vallée du Rift. Ako kamo n’ak’ishirahamwe RCP, ry’abarundi bahamagarira abantu kuba intungane. N’inyuma yaho iyo ndwara itanguye kwibonekeza mu ntara z’uburaruko haraheze indwi hafi 2, imbere y’ukwo yibonekeza no mu zindi ntara. Ba buramatari bafadikanije n’abayobozi b’ubworozi mu ntara, umwe wese afata ingingo yiwe.
VI. Uno musi ikiganiro Kw’Isôko kijanye n’uburusho buhabwa abantu binjiza ibintu mu gihugu bitarishe amakori, ivyo bita exonération. Burenga kure cane amafranga aba yabigenewe muyategekanijwe gukoreshwa ku mwaka ku mwaka.

Ibindi bisa n'ibi