I. Abantu bane bo mu muryango umwe barakubiswe barashaya n’imisore y’imbonerakure, mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana. Ivyo vyabereye ku mutumba Gasenyi, Zone Bigina muri komine Kayogoro, mu ntara ya Makamba. Abakomeretse n’ubu bakaba bataravurwa kubera banse kubakira kwa muganga kuko ata buryo bafise.
II. Anschaire Nikoyagize arongoye ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, ligue Iteka, amenyesha ko batewe umutima uhagaze n’inyifato y’imbonerakure. Agasaba leta y’Uburundi kugira ico ikoze kugira agateka ka zina muntu kubahirizwe mu gihugu.
III. Umwe mu bajejwe intwaro mu ntara ya Rumonge yabogojwe mu mabanga ajejwe kuri uno wa mbere. Gilbert Horugavye yahora ari umuhanuzi wa buramatari ajejwe ivy’ubutunzi, yaheruka gufatanwa igitoro c’ukudandaza muhira iwe. Abanyagihugu bo mu ntara ya Rumonge bakaba basaba ko n’abo bafadikanije ubunyonyezi bohanwa.
IV. « Uburenganzira bw’abigisha ni bwubahirizwe ». Ako kamo gaterwa na Eulalie Nibizi yahoze arongoye sendika y’abigisha STEB, akongera agaharanira agateka k’abana ko kwiga. Avuga ko ari ubusuma gutegeka abigisha gutanga amafranga ibihumbi 35 canke arenga, yo kugura umwambaro w’ibitenge bazodefiramwo itariki ya mbere Mukakaro. Kubwa Eulalie Nibizi, abarongoye indero mu ntara ya Cankuzo bari bakwiye no guhagarika gukangisha ibihano abatemeye kuyatanga, kuko ata tegeko na rimwe baba barenze.
V. Abana bose barangana imbere y’amategeko, bategerezwa gutorana bose ata wuvuyemwo kw’itongo ry’umuheto basigiwe n’umuvyeyi wabo. Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, aho avuga ko n’ikibazo co gutorana kw’itongo ry’umuryango kigiteye impari bazotegerezwa kuciga neza ku buryo gitorerwa inyishu kidateye ingorane. Ivyo umukuru w’igihugu akaba yabivuze mu mpera z’indwi iheze mu rugendo yarimwo mu ntara ya Rumonge.
VI. Mu muhari Inamahoro w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi, barashimishwa n’ivyaraye bishikirijwe n’umukuru w’igihugu, aho bavuga ko ari intambwe kandi nziza mu ntumbero yo gutorera inyishu ikibazo c’ugutorana kw’abakenyezi iwabo. Marie Louise Baricako arongoye uwo muhari, akavuga ko biteguye guterera mu ntumbero yo gutorera inyishu ico kibazo.
VII. Abana n’abakuze basegereza mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura bafise iminsi 14 kugira babe bahagaritse gusega. Ingingo ikaba yafashwe na leta ibicishije mu bushikiranganji bwo gufatana mu nda. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere, umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji, Félix Ngendabanyikwa, asaba abajejwe intwaro n’igipolisi gufasha kugira iyo ngingo ije mu ngiro.
VIII. Uwo mugambi wo gukura abana n’abakuze mw’ibarabara usaba integuro nini. N’umwihwezo wa Aimable Barandagiye, umuhuzabikorwa mw’ishirahamwe Giriyuja ryitaho ineza ry’abana. Ku bwiwe, iryo tegeko riteye kubiri n’icegeranyo cari cashikirijwe inama nshikiranganji, icegeranyo catomora inzira zofasha kugira abo basegereza bakurwe mu mabarabara, bongere basubizwe mu miryango yabo. Aimable Barandagiye akaba yabivugiye kuri radiyo Isanganiro.