I. Umugwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira CVR wategerezwa guhagarikwa. Ako ni akamo gaterwa na Vital Nshimirimana arongoye ishirahamwe FORSC. Akaba avugira amashirahamwe 18 adaharanira inyungu za politike, yasohoye urwandiko ku musi wa kabiri yiyamiriza urugendo uwo mugwi CVR uriko ugira i Buraya. CVR ikaba yamenyesheje ko intumbero y’urwo rugendo ar’iyo kumenyesha abarundi baba muri uwo mugabane aho ibikorwa vyawo bigeze. Ariko rero ku bwa Vital Nshimirimana, nta kindi uwo mugwi ugamije atari ugukwiragiza urwanko mu barundi, kubera wanse kwumviriza abarundi bose, mu vyo wemeza ko wakoreye ko amatohoza.
II. Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 27 Ruheshi umwaka wa 2023, sentare nkuru y’intara ya Gitega yaraciriye Emilienne Sibomana urubanza rwo gupfungwa imyaka 5 n’ugutanga ihadabu y’imiliyoni 5 z’amafranga y’amarundi, ahorwa gutanga amakuru atyoza patiri Laurent Ntakarutimana arongoye ishure Christ-Roi y’i Mushasha. Emilienne Sibomana akaba yari yashize ahabona ibikorwa vyo gufata ku nguvu vyakorwa na patiri Laurent Ntakarutimana ku bana b’abigeme bo kuri iryo shure. Hari mu nama yari yahuje abategetsi batandukanye mu ntara ya Gitega n’abakozi b’ishure, ku wa 26 Nzero umwaka wa 2023. Ishirahamwe ry’abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi CBDDH rimenyesha ko rihagaritswe umutima n’urubanza rwaciwe. Eulalie Nibizi, umuyobozi nshingwabikorwa w’iryo shirahamwe, asaba ubutungane kwirinda gukoreshwa mu manza zigira ingaruka mbi ku buzima bw’igihugu.
III. Imyidogo ni myinshi ku banyagihugu bafata ingendo zitandukanye bava ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga bagana iyindi mihingo y’igihugu. Umugenzi yavuganye na Radiyo Inzamba Agateka kawe, avuga ko haciye indwi 2 ata n’ima rimwe ry’igitoro yaba essence canke mazout ribonetse. Ubwo bukene bw’igitoro butuma hari ingenzi nyinshi zahevye gufata ingendo kubera ubukene bw’imodokari, hamwe rero n’ibiciro vy’itike vyagwijwe na kabiri. Abanyagihugu bagatera akamo leta gufata ingingo zose zishoboka, kugira igitoro kiboneke, maze basubire kwishira no kwizana mu ngendo bafata.
IV. Imyidogo ni yose ku bakozi bariko bubaka ikibuga c’umupira w’amaguru citiriwe intwari, kiri ku murwa mukuru w’ubutunzi i Bujumbura. Abo bakozi bamaze amezi atatu bataronswa agashahara kabo. Kuri uno w’Imana baragize imyiyerekano kugira bagaragaze akababaro bafise. Amakuru dukura muri abo bakozi akatumenyesha ko abari kw’isonga ry’iyo myiyerekano baciye batangura kugirwako iterabwoba. Basaba ko boronswa agashahara kabo.
V. Umugenzo wo gusabikanya ni wo uranga aba Islam kuri uno munsi mukuru w’intama. Ivyo bishikirizwa na Murisho Ramazani, umunyamabanga mukuru mw’ishirahamwe ry’aba Islam COMIBU. Ni mu gihe kuri uno munsi wa gatatu igenekerezo rya 28 Ruheshi, aba Islam bo kw’isi yose bahimbaje umunsi w’intama. Arongera akamenyesha ko ari n’umunsi wo gusangira n’abatishoboye, impfuvyi eka n’abapfakaye.
VI. Umubabaro ni mwinshi mu bavyeyi barereye mw’ikambi y’impunzi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya, kuko amashure abana babo bahora bigamwo yugaye kuva ku wa mbere w’ino ndwi, igenekerezo rya 26 z’ukwezi kwa gatandatu. Naho bivugwa ko ayo mashure yugawe kubera ukutumvikana hagati y’amashirahamwe ajejwe indero muri iyo kambi n’igihugu ca Tanzaniya, babona ahubwo ko biri muri wa mugambi wo kubatahana ku nguvu.
VII. Imigwi nserukira gihugu y’Uburundi mu bahungu no mu bakobwa yakuwe mu mahiganwa ahuza abatarenza imyaka 16 y’akarere ka gatanu iriko irabera muri Lycée de Kigali mu gihugu c’Urwanda. Abo bana bemerewe gukina urukino rwa mbere, ariko naho batsinze urwo rukino rwabahuje n’igihugu ca Tanzaniya ku manota 62 kuri 52 y’igihugu ca Tanzaniya, vyabaye impfagusa. Kugira umugwi wemererwe kubandanya iryo higanwa, n’ukwo n’imiburiburi uba usigaranye abakinyi 5 bakwije imyaka isabwa. Mu bakinyi baserukiye Uburundi mu bakobwa, inyuma y’ibipimo basanze umwe gusa ari we ari musi y’imyaka 16, mu gihe mu bahungu bose bayirengeje. Uwundi mugwi wasezerewe ni uwa Tanzaniya.