I. Icariho c’umushikirizamanza wa repuburika i Bubanza, ari mu minwe y’ubutungane kuva kuri uyu wa mbere ku mugoroba. Amakuru ava ku mutumba wa Kizina, muri komine Bubanza nyene aho yafatiwe, avuga ko yafatanywe itonga ariko yakira amafranga y’igiturire, imbonerakure zica zibibwira igipolisi kigwanya igiturire. Yaciye afatwa ajanwa mu gasho ka komisariya. Umushikirizamanza wa repuburika i Bubanza avuga ko na wene yavyumvise ukwo, kandi ko ata bubasha afise bwo kumwumviriza. Jean-Claude Nsengiyumva akanavuga ko ico cariho ciwe, gica kijanwa muri parike ikukira sentare igwanya ibiturire.
II. Urunani rw’abamenyeshamakuru kw’isi International Press Institute kuri uno wa kabiri, rwarungikiye ikete umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, rumusaba ko atoca kubiri n’ivyo aheruka kwiyemeza ko agiye gutsimbataza intwaro ishingiye kuri Demokarasi. International Press Institute ikaba inasaba ko yokwubahiriza ubwigenge bwo kumenyesha amakuru no gushikiriza ivyumviro. Aha rero urwo runani rukanamusaba ko yoca arekura abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu, kuko ataco bariko barazira atari uko bari ku gikorwa cabo. Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru bakorera ikinyamakuru Iwacu ubu bamaze amezi 9 arenga bari mu mvuto.
III. Umunyororo yarafungiwe mw’ibohero ry’i Muyinga hari haheze imyaka 10, yarishwe mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana rishira ku wa mbere ku musozi Ruvumu, komine Buhinyuza. Akaba yiciwe aho yoba yari yagiye kwiba ari kumwe n’abandi bantu bataramenyekana, nkuko amakuru ava ngaho i Muyinga avyemeza. Uyo mugabo w’imyaka 43 ntawuramenya ko yoba yishwe yivunywe na nyeneurugo aho yaragiye kwiba, n’uko yoba yishwe n’abo bari basangiye umugambi. Amakuru ava mw’ibohero ry’i Muyinga akavuga ko uwo mupfungwa yitwa Ntibanyura, yari yakatiwe umunyororo w’imyaka 12 akaba yarasigaje imyaka 2 ngo amare igihano yahawe. Ayo makuru akemeza ko yarasanzwe yahawe gucunga imirima y’iryo bohero rikuru rya Muyinga. Ari naho yoba yatorotse azanana.
IV. Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 28 Mukakaro, niho ikibazo ca leta gitanga uburenganzira bwo kuja muri kaminuza catangura. Ico kibazo kikaba kizohera kuwa 31 uku kwezi nyene. Umushikiranganji w’indero n’ubushakashatsi Gaspard Banyankimbona, ari nawe yatanguje ico kibazo kw‘ishure ryisumbuye Lycée ya Gitega, yagabishije abarimu bacungera ico kibazo, ko batohirahira ngo bafashe abanyeshure mu kwiba ibibazo. Yasavye abanyeshure bariko barakora ico kibazo ko bokwigenza neza mu buzima bazojamwo inyuma y’amashure yisumbuye. Dr Gaspard Banyankimbona
V. Ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta riributsa ko abategetsi bashasha babwirizwa kuja kwerekana amatungo yabo bacinjira mu mabanga yabo, nkuko bisabwa n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi. Mw’itangazo iryo shirahamwe ryasoye kuri uyu wa kabiri, Gabriel Rufyiri arirongoye arerekana ko kuva kuwa 20 Ruheshi uno mwaka, leta nshasha itanguye amabanga yayo gushika uno musi, imisi cumi n’itanu isabwa n’ibwirizwa nshingiro kugira abagize iyo leta babe berekanye amatungo yabo yarangiye batabikoze.
VI. Umuyobozi mushasha w’ibohero rya Gitega ategeka abanyororo biyungunganya, ko muvyo bakora vyose aribo bategerezwa kugura igitoro c’imodokari yiwe y’akazi. Abanyororo biyungunganya mu myuga itandukanye, baratewe umutima uhagaze n’iyo ngingo kuko benshi ariho bahora bakura udufaranga two kwikenura, na rirya n’ivyo kugendera abanyororo muri kino gihe co kurwanya ikiza ca covid 19 vyabaye birahagaritswe.
VII. Inzu yaraye ihiye iratokombera biturutse ku muriro wadutse muri iyo nzu, atawuramenya neza iyo waje uzanana. Ivyo vyabaye kuri uno wa mbere inyuma y’umutaga, muri zone Magara, komine Bugarama, mu ntara ya Rumonge. Amakuru dukura ngaho mu Rumonge atumenyesha ko ivyari mu nzu vyose ata na kimwe casigaye.