Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 28/07/2022

Publié le 28 juillet 2022 par Rédaction
I. Hariho akagwi k’abantu bo mu nzego za leta kica abandi banyagihugu gakoresheje abajejwe umutekano. Ivyo vyaraye vyemejwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, hari kuri uyu wa gatatu mu ntara ya Ngozi, munyigisho bise izo gukundisha igihugu yariko aha abarundi baba mu mahanga. Mu mugambwe RDB baranegura iyo myidogo ya misi yose y’umukuru w’igihugu ataco ifasha abarundi arongoye.
II. Umukuru w’igihugu ntiyari akwiye kwidoga avuga ko ubutungane budatunganiriza bose nk’ukwo amaze iminsi abivuga. Ivyo bivugwa n’umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize, akibutsa ko umukuru w’igihugu ari we mucamanza mukuru yarakwiye gufasha kugira ubutungane bube ubwa bose, kandi bukore akazi kabwo.
III. Kuri uyu wa kane niho hatangujwe umwiherero w’iminsi 2 ku bacamanza. Uwo mwiherero ukaba watangujwe n’umukuru w’igihugu. Evariste Ndayishimiye akamenyesha ko uwo mwiherero wabaye kugira bige ibibazo bihanze ubutungane kandi banakosore amakosa yagiye aribonekeza muri ico gisata muri kahise.
IV. Abanywanyi babiri b’umugambwe CNL muri komine Kayogoro mu ntara ya Makamba kuva kuri uno wa kabiri bapfungiwe mu gasho k’igipolisi muri iyo komine. Bafashwe inyuma yaho umukuru wa zone Kayogoro yandikiye umunyamabanga w’uwo mugambwe amumenyesha ko yohagarika ibikorwa vyo kwubaka ingoro y’uyo mugambwe. Abanywanyi b’umugambwe CNL bariyamiriza ako karenganyo.
V. Inka zababa 1200 ni zo zimaze gucandarwa mu ntara za Ngozi na Karusi, mu ntumbero yo kugwanya inyonko yo mu kiyaya ca Rift. Ivyo bishikirizwa n’umushikiranganji w’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije Déo Guide Rurema. Ku bijanye n’ukubaga ibitungwa, amenyesha ko bizobagwa hakurikijwe amategeko yashizweho n’ubushikiranganji.
VI. Isi yose irahimbaza kuri uyu wa 28 Mukakaro, umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara y’igitigu bita Hépatite mu gifaransa. Mu Burundi, ibice birenga 5% vy’abarundi bararwaye indwara ya hépatite B, nayo ibice 10 % barwaye indwara ya hépatite C, nk’uko biri mu bitigiri bitangwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu. Ku bw’umuhinga mu bijanye n’indwara z’ivyaduka Côme Konakuze, iyo ndwara nta muti ifise ariko irafise urucanco rwizewe gushika ku bice 98%. Arigana kandi ukwo iyo ndwara yandukira.
VII. Ku uwo muhinga Côme Konakuze, uburyo bwa mbere bwo kwirinda indwara za hépatite, n’ukwipimisha hagakurikira kuronswa urucanco.

Ibindi bisa n'ibi