I. Turi italiki 28 ukwezi kw’umunani 2021, haraheze imyaka 21 abarundi bemeje amasezerano y’amahoro yabereye i Arusha muri Tanzaniya. Ayo basezerano yemejwe n’imigambwe hamwe n’imihari irwana 17. Akaba yabonetse habaye ibiganiro bitari vyoroshe vyari birongowe na Nelson Mandela, yahoze arongoye igihugu ca Afrika y’epfo. Ayo masezerano yaragenewe gutorera inyishu indyane zari zimaze imyaka indwi mu Burundi. Umuhari Mouvement d’Action Patriotique MAP Burundi ukababazwa n’uko ingingo zimwe mu zigize ayo masezerano zahavuye zihonyangwa. Kuva kuri uyu wa 28, MAP-BURUNDI BUHIRE watanguje isekeza ryo kuyanagura nk’uko bishikirizwa na Emery Pacifique Igiraneza, arongoye uwo muhari.
II. Charles Nditije arongoye umugambwe UPRONA utemewe na leta y’Uburundi ahamagarira abarundi bose iyo bava bakagera, guhaguruka bagaharanira ayo masezerano y’amahoro y’i Arusha ariko arahonyangwa n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD avuga ko ushira imbere inyungu zawo gusumvya iz’abarundi bose.
III. Ama leta yo mu karere hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu yafashije Uburundi kurondera inyishu y’ingorane bwahozemwo biciye mu maserano ya Arusha, asabwa n’ubu guherekeza Uburundi ntibusubire kugwa mu kaga. Ivyo bivugwa na Ferederiko Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR Arusha. Ivyo akaba abishikirije kuri iri generekezo rya 28 Myandagaro 2021 aho imyaka 21 irangiye Uburundi buteye igikumu ku masezerano y’amahoro ya Arusha. Ferederiko Bamvuginyumvira asigura ko mw’ibwirizwa nshingiro ryo mu mwaka wa 2005 mu gace karyo ka 3 ritegekanya ko kugira umurundi wese agire umutekano ukwiye, abarundi bose babwirizwa kuba mu mahoro no mu mutekano.
IV. Abantu umunani nibo bivugwa ko bahitanywe n’isanganya ry’imodokari ryabereye hafi y’umurwa mukuru wa komine Gasorwe mu ntara ya Muyinga. Abo bantu n’abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD bari bagiye mu birori vyo guhimbaza umusi mukuru wahariwe urwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD wabereye muri komine Gasorwe mu kiyaya ca Nyamuswaga. Bakaba bari mu modoka zitwara imizigo bita Fuso bagerekeranyeko kandi iyo modoka ikaba yariko iriruka cane, nk’uko isoko rya radiyo Inzamba ribivuga.
V. Imyidogo ni myishi ku badandaza n’abaguzi bo ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga baburagijwe n’intwaro kuri uyu wa gatandatu, umugambwe CNDD-FDD waramutse uhimbaza umusi mukuru wahariwe urwaruka rw’imbonerakure. Abadandaza bakaba babujijwe kugurura amazu bakoreramwo, abandi bakabura aho basumira. Eka n’ingenzi zafata ibarabara rya Muyinga-Ngozi canke Ngozi-Muyinga zikaba zitoroherewe kuko iryo barabara ryari ryugaye ku birometero 2 impande zose, guhera ahariko habera urubanza mu kiyaya c’umwonga wa Nyamuswaga muri komine Gasorwe, nk’uko amakuru atandukanye radiyo Inzamba yaronse avyemeza.
VI. Ikurikizwa ry’amabwirizwa yo kurwanya ikiza ca Covid-19 mu gisagara ca Rumonge bisa n’ivy’ibagiwe muri ico gisagara. Amakuru dukura muri iyo intara yemeza ko ico kiza kimaze gufata abatari bake mu bakozi ba leta n’abikorera utwabo.
VII. Abantu 2 harimwo umupolisi n’umunyezamu bari mu minwe y’igipolisi kuva ku munsi w’ejo muri komine Vyanda, intara ya Bururi. Nk’uko bimenyeshwa n’abakozi ba Posita ngaho muri komine Vyanda, ngo bakaba bafashwe ku mvo z’amatohoza inyuma yaho babomoreye ibiro vya posita vyo muri iyo komine. Ngo ibimaze kumenyekana ko vyibwe akaba ari telefone ngendanwa ikoreshwa ngaho kuri ivyo biro vy’iyo posita. Ububiko bw’amafaranga aribwo bita coffre-fort abakozi b’iyo posita bagiye kwugurura mu gitondo co kuri uyu wa gatanu bakaba basanze umuryango udashobora kwuguruka. Uwo mu polisi n’umunyezamu bakaba bapfungiwe mu gasho k’igipolisi ngaho i Vyanda ku mvo z’amatohoza.
VIII. Impunzi zigwiriyemwo abakenyezi n’abigeme mw’ikambi y’i Mulongwe mu gihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Congo barashima ko baronkejwe ibikoresho bibafasha kugira isuku yo ku mubiri. Izo mpunzi zigasaba ishirahamwe HCR kw’iyo mfashanyo yokwongerezwa ndetse n’ikiringo bayitangirako kikaza kirubahirizwa.
IX. Mu gihe buca amakungu ahimbaza umusi wahariwe ababuzwe irengero, mu kiganiro kw’īsôko tubabwira ingene ibijanye n’ico caha vyifashe mu Burundi.