I. Ikiziga c’umugabo w’abana batanu yari azwi kw’izina rya Alexis Majambere w’imyaka irenga 40, caratowe cenena kuri uwu w’Imana ku mugozi mu nzu yari asanzwe abamwo n’umuryango wiwe. Hakaba hari ku mutumba Gitwe wo muri komine Matongo, ni mu ntara ya Kayanza. Izo zikaba ari inkuru zishikirizwa n’abajejwe intwaro bishikiye uwo musi ku muhana wa nyakwigendera, aho ico kiziga cari cenena mu cumba kibangabanganye n’ico yarasanzwe araramwo n’uwo bubakanye. Abaryango biwe bakavuga ko uwo mugabo yari yatashe rigiye kandi yarusomye ngo ari na ho kuja kuryama muri ico cumba. Izo nkuru zikamenyesha kandi ko hari haciye ikiringo c’amezi atarenga ane, hari uwundi mugabo wo kuri uwo mutumba nyene yakora urudandaza na we nyene yiyahuye. Icatumye abo bantu bose biyaka ubuzima kikaba kitaramenyekana, nk’uko abajejwe intwaro muri iyo komine babishikiriza.
II. Abarundi baribuka kuri uyu wa 28 Myandagaro, imyaka 23 iheze hasinywe amasezerano y’amahoro no kunywanisha abarundi y’i Arusha. Ku bwa Léonce Ngendakumana, icegera c’uwurongoye umugambwe FRODEBU, abarundi baracakeneye ayo masezerano kuko ibijanye n’amahoro no kunywanisha abarundi bitigeze bishikwako uwu munsi, Uburundi ngo buracarangwamwo ugukumirana. Asaba abarundi bose banyotewe amahoro, guhagurukira rimwe bagasaba y’uko amasezerano y’i Arusha asubizwa umutamana.
III. Mw’ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama, babona ko hakwiye isuzumwa ry’ishirwa mu ngiro ry’ayo masezerano y’i Arusha. Faustin Ndikumana arongoye PARCEM ku rwego rw’igihugu, abona ko indyane za politike, ugukumirana mu nzira zose vyari gukurwaho n’ayo masezerano y’i Arusha bigihari n’uno munsi. Ivyo na vyo ngo n’intambamyi nini kw’iterambere Uburundi bwipfuza gushikako.
IV. Basaba ko ubutungane bwobatunganiriza. Abo n’abavyeyi b’umwana w’umukobwa wo ku mutumba Rumbaga, zone Rukeco intara ya Ngozi. Ni inyuma y’aho ku musi wa gatatu w’iyi ndwi, bemeza ko umwana wabo yahatswe gufatwa ku nguvu n’umwigisha yigisha kw’ishure shingiro rya Rumbaga nyene. Uwo mwigisha akaba azwi kw’izina rya Vénuste Niyonkuru. Mu gipolisi bakavuga ko bagiye gutanguza amatohoza.
V. Abantu indwi ni bo banyurujwe n’igisirikare c’Uburundi mu mwaka wa 2021. Ivyo biri mu vyegeranyo bitatu vyasohowe mu ndwi iheze n’isekeza Ndondeza. Bishizwe ahabona mu gihe habura imisi ibiri gusa ngo isi yose ihimbaze ku wa 30 Myandagaro, umusi mpuzamakungu wahariwe kwibuka abanyuruzwa n’inzego zitandukanye bakaburwa irengero. Pacifique Nininahazwe arongoye iryo sekeza asigura ko imiryango y’abo bantu yituye inzego zitandukaye, ariko ata co bigeze bafashwa kugira bamenye iyo ababo bajanywe. Agasaba abategetsi b’Uburundi guhagarika vy’ukuri ubwo bubisha bwo kunyuruza abantu, bagahana n’ababikora.
VI. Ubukene bw’isukari burabandanya kwibonekeza mu ntara ya Kayanza, no mu micungararo aho na nkeya ishoboye kuboneka, abakuru b’uducimbiri bajejwe kuyitanga baraba nkunzi mu kuyitanga, na cane cane abo bari kumwe mu mugambwe. Abanyagihugu baganiriye na radiyo Inzamba, bagasaba leta gukora ibishoboka bakaronka isukari, ngo bapfume bayironka izimvye ariko iboneke. Bakamenyesha ko n’aho ibonetse, ishobora kugurwa mw’ibanga ku mafranga ari hagati y’ibihumbi umunani n’ibihumbi cumi.
VII. Ba musitanteri batatu bahagaritswe kuri uno wa mbere mu mabanga yabo n’itegeko nshikiranganji ryateweko umukono na Martin Niteretse, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu. Abo nabo ni Rénovat Sindayigaya yari arongoye komine ya Mukaza mu gisagara ca Bujumbura, Gilbert Nyandwi musitanteri wa komine Kayanza hamwe na Dismas Nsavyimana yari arongoye komine Busoni y’intara ya Kirundo. Rénovat Sindayigaya akaba yahowe kudakurikirana ibijanye n’urudandazwa rw’ivya nkenerwa biba vyarungikiwe abanyagihugu arongoye, Gilbert Nyandwi nawe yahowe ukutubaha n’ukudashira mu ngiro ingingo ziba zafashwe n’abamukurira, gutunganya nabi ubutunzi rusangi n’ukutaba hafi abanyagihugu mu mirimo yabo ya minsi yose, na yo Dismas Nsavyimana ahorwa kudakorera neza abanyagihugu mu kwivanga mu rudandazwa ry’ibigenewe abanyagihugu.
VIII. Mu makuru y’inkino, mu mpera z’indwi iheze mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi Primus league bari mu ndwi ya kabiri y’inkino. Mu mupira w’amaboko basketball naho, umusifuzi Aimable Nkunzimana yaraye yemejwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaboko basketball, ko agiye mu rwego mpuzamakungu rw’abasifuzi ba basketball.