Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 28/09/2023

Publié le 28 septembre 2023 par Rédaction
  1. Umukenyezi n’umwana wiwe baba k’umutumba wa Bonero, zone Gisanze, komine Gashoho mu ntara ya Muyinga baraye bagandaguriwe kur’uwu wa 3 kur’uwo mutumba n’abagizi ba nabi. Uwo mukenyezi n’ikibondo ciwe ngo bakaba boba bazize umwenda serugo yarafitiye abantu abo nabo ngo bakaba bashaka kwigarurira itongo ry’umuryango kugirango birihe iryo déni, ivyo uwo mukenyezi yanse guterera igikumu.
  2. Muntara ya Ngonzi abantu 4 harimwo umuvyeyi barakomeretse cane, inzu 12 nazo zirasambuka , n’imirima myinshi igizwe n’ibitoke irononekara, ivyo vyabaye inyuma y’Imvura ivanze n’umuyaga yaguye Ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu ku mitumba ya Gitaramuka na Gatare yo muri zone Ruhororo n’intara ya Ngozi . Amakuru atangwa n’abajejwe intwaro muri iyo komine bagasaba abo bose bafise ico bofasha kugarukira kuri abo bose bakozweko n’ivyo vyago. Ariko mu kurindira abo bajejwe intwaro bagasaba ko ababanyi b’imiryango itakigira aho ikika umusaya kuba barabahaye indaro mu kurindira icokorwa . Ni mu gihe ikigo IGEBU ntegekanyabihe zaco zerekana ko kuva mu kwezi kwa Gitugutu gushika muri Kigarama hagiye kugwa imvura idasanzwe mu gihugu cose.
  3. Kuri uno wa kane mw’ibohero rikuru rya Gitega hatunganijwe intahe y’icese mu rubanza rwa Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wambere. Yasavye ubutungane ko yorekurwa ivy’agateganyo atanze ingwati akaburana yidegemvya . Urubanza ruzoja mw’idonido mu misi irimbere.
    Abanyagihugu ntamakuru akwiye baronka kubijanye nibikorwa bitandukanye vyubuzima bwigihugu kandi ari uburenganzira bahabwa nibwirizwa nshingiro.Ivyo bivurwa na F austin Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem rihamagarira abarundi guhindura ingendo.Kubwiwe ngo harakwiye ko hojaho itegeko riha uburenganzira umunyagihugu kuronka amakuru ajanye nibibera mugihugu ngo gurtyo no kurya ibituriro vyo gabanuka.ivyo akaba abivuze mugihe kuruno wa 28 nyakanga amakungu ahimbaza umunsi wahariwe uburenganzira bwo kuronka amakuru.
  4. Uburundi burangwa n’inzitizi z’uko abanyagihugu bashikirizwa amakuru. Ivyo binegurwa na Alexandre Niyungeko, arongoye ishirahamwe rihurikiye mwo abamenyeshamakuru mu Burundi UBJ. Izo nzitizi zikaba ziva kuri reta itipfuza ko amakuru amw’amwe aja ahabona. Alexandre Niyungeko aratanga utundi turorero tutari duke nko kwugara imihora ishikirizwa ko amakuru.
  5. Imyidogo ari myinshi mu badandaza b’Abarundi bo muma commune y’intara za Rutana na Makamba ahana urubibe n’igihugu kibanyi ca Tanzanie. Ingingo yo Kubuza amashilingi ya Tanzanie hamwe n’ayandi mahera y’amanyamahanga yafashwe na Leta biriko bituma bahomba mbere abatari bake ngo bakaba barahagaritswe muri kino gihe bapfungiwe mubusho n’amabohero bitandukanye bagirizwa gutunga ayo mahera mvamahanga.

Ibindi bisa n'ibi