Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 28/10/2019

Publié le 28 octobre 2019 par Rédaction

Iminsi 7 irarumanye abamenyeshamakuru ba 4 b’ikinyamakuru IWACU batawe muri yompi mu gihe bariko baratohoza inkuru z’imirwi yitwaje inkoho yatera mu burengero bw’igihugu. Libérat Ntibashirakandi arongoye umuhari MAP BURUNDI BUHIRE, amenyesha ko ata kosa na rimwe umumenyeshamakuru aba akoze agiye gutohoza inkuru iyo ariyo yose kuko akazi kiwe arako kumenyesha abanyagihugu n’amakungu ibiriko biraba, agasaba ko abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru IWACU bapfunzwe borekurwa atagisabwe.

Léonidas HATUNGIMANA, yahoze mu barwanyi ba CNDD FDD arerekana akamaro ku bamenyeshamakuru bakorera mu bihugu birimwo amatati  ko guha ijambo impande zose zerwa n’ayo matati. Ku bwiwe ngo kubona hari ama radiyo yigenga yahaye ijambo abarwana ico gihe akongera akavuga ivyariko biraba, biri mu vyatumye abarwana bashika ku masezerano yatumye haboneka amahoro mu Burundi.

Umwana umwe yarapfuye abandi babiri barakomereka biturutse kuri grenade yaturitse kuri uyu wa Mungu ku mutumba Susa wa komine Ntega n’intara ya Kirundo. Amakuru dufise akavuga ko iyo grenade yaturikiye ku muhana w’uwitwa Barutwanayo uwo nawe akaba ari umunywanyi w’umugambwe CNL. 

Abanywanyi b’umugambwe CNL barenga mirongo ibiri baramaze gufatwa muri komine Kanyosha intara ya Bujumbura kuva ku musi wa gatanu. Bamwe bakaba baramaze gushikanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Mu mugambwe CNL  bakaba basaba ko abo bantu borekurwa kuko ata nakimwe bariko barazira.

Inka imwe yaraye itemagujwe imipanga ku binono n’abantu bataramenyekana muri iri joro ryo kuwa Mungu rishira iryo ku wa mbere ku mutumba NYAGATOVU muri commune TANGARA y’intara ya Ngozi. Iyo nka akaba ari iy’uwurongoye urwaruka rwo mu mugambwe CNL kuri uyo mutumba. Kubwa NDIHOKUBWAYO Gérard arongoye umugambwe CNL ku mutumba wa NYAGATOVU, ubwo bugizi bwa nabi ngo bwoba bwihishijemwo imvo za politike. Agasaba abarongoye intwaro n’igipolisi kugira amatohoza kugira ukuri ku babikoze kumenyekane.

Ishirahamwe rukristu rirwanya isinzikazwa rya kiremwa muntu ACAT BURUNDI ribona ko abo bantu bahagarikwa hadakurikijwe amategeko. Umushingwamanza Armel NIYONGERE arirongoye agasaba ababijejwe guhana abo bose basinzikaza agateka ka muntu cane cane no mu gihe amatora yimirije.

Kuva kur’uyu wa mbere abanyeshure bo kw’ishure shingiro rya Gako muri komine Vyanda mu ntara ya Bururi ntibatonze ku mashuri kubera imvura nyinshi yabomoye ibirasi kuri uyu wa gatanu w’indwi iheze. Abarimu, abavyeyi n’abanyeshure bakaba bafise amakenga ko ibibazo vyo guheraheza igice ca mbere bitazokorwa kuri iryo shure.

Ibindi bisa n'ibi