Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 28/10/2021

Publié le 28 octobre 2021 par Rédaction
I. Inama nshingwabikorwa y’ikigega mpuzamakungu FMI iherutse kwemeza ko igiye guha igihugu c’Uburundi infashanyo ingana n’amafaranga imiliyoni 76 z’amadorari y’abanyamerika. Ayo mafaranga ngo azofasha mu gikorwa co kugwanya ikiza ca Covid-19 mu Burundi.
II. Umuryango w’ubumwe bwa Afrika uremeza ko hakiri ugushaka guke mu gucandaga abanyagihugu ikiza Covid-19, bicibonekeza ku mugabane wa Afrika. Akarorero ni mu gihugu c’Uburundi, aho abategetsi bubahuka kuvuga nabi urucanco rw’ico kiza. Ni muri iyo ntumbero, John Nkengasong, umuyobozi wa AFRICA CDC, igisata kijejwe gukinga no gusuzuma indwara z’ibiza, ahamagarira ababijejwe, gusenyera ku mugozi umwe, bagahimiriza abanyagihugu bose, kwicandagisha. John Nkengasong yabishikirije kuri uyu wa kane, mu kiganiro ico kigocama kigirana n’abamenyeshamakuru, ku minsi yose ya kane.
III. Ibitigiri vy’abandura umugera wa Covid-19 ngo vyaragabanutse cane mu gihugu cose. Vyamenyeshejwe n’umugwi w’igihugu wo kurwanya umugera wa corona. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku muhingamo wo kuri uyu wa kane, Dr Thaddée Ndikumana avugira uwo mugwi, amenyesha ko ibitigiri vy’abandura vyavuye ku bice 5 kw’ijana (5%) ubu bigeze kuri kimwe n’ibice bitandatu (1.6%) mu gihugu. Ku bijanye n’ibikorwa vyo gutanga urucanco rwa corona, uwo mugwi umenyesha ko abashika ijana bakirwa ku ndwi ku ndwi.
IV. Amafaranga  arenga imiliyoni mirongo ibiri na zine z’ama dorari y’abanyamerika niyo Leta y’Uburundi ikeneye kugira ngo itunganye rusansuma rw’abanyagihugu, uburaro, uburimyi n’ubworozi. Urwo rusansuma rukaba rutegekanijwe mu mwaka 2022. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni kuri uno wa kane, mu nama yo guhimiriza abazofasha kwegeranya ubwo buryo.
V. Hari umunywanyi w’umugambwe CNL wo ku mutumba Yaranda, muri komine n’intara ya Kirundo yaraye akomerekejwe n’imbonerakure barikumwe mu bunywero. Imvo ngo ni imishamirano yadutse bariko bavugana ivy’amatora yabaye mu mwaka 2020. Babiri mu bakekwa kuba ari bo bamukomereje bapfungiwe mu gasho k’igipolisi i Kigozi muri komine Kirundo.
VI. Mu ntara ya Rutana, abakenyezi babiri bariko barazira indyane ziri hagati y’indongozi z’umugambwe CNDD-FDD. Ingingo y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati isaba ibogozwa ry’abategetsi bubatse bidaciye mu mategeko canke baharitse, yoba ari yo ntandaro. Umukenyezi wa mbere uno munsi apfungiwe mu gasho k’igipolisi mu ntara ya Rutana yarazwi nk’umugore agira kabiri w’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD muri iyo ntara, uyundi mukenyezi nawe yahisemwo guhunga akaba yaraharitswe n’uwurongoye uwo mugambwe nyene muri zone iri muri komine ya Giharo. Abo bategetsi bose ngo boba babikoze kugira ntibahanwe bongere bakurwe mu bibanza vyabo.
VII. Bamwe mu bantu biyunguruza bakoresheje ibarabara Rumonge-Bujumbura, baratewe umutima uhagaze n’ubusuma bwadutse kuri iryo barabara mu masaha y’ijoro. Bavuga ko hari abagabo bambaye ibikoti birebire bategera imodokari bagasahura ibiba biri muri zo. Abafata ingendo bagasaba ko igipolisi cofata mu minwe ico kibazo.
VIII. Inzu 41 zarabomowe n’imvura ivanze n’urubura mu ntara za Kayanza na Karusi kuri uyu wa gatatu. Ama hegitari arenga 40 y’ibiterwa yarononywe n’iyo mvura. Abanyagihugu bavuga ko basigaye mu kangaratete, bagasaba abategetsi n’abandi bagiraneza kubagarukirako.

Ibindi bisa n'ibi