I. Kuri uno wa kane, niho umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye akorera Radiyo Igicaniro yumvirizwa irya mbere na sentare nkuru ya Mukaza yashashe i Muyinga mw’ibohero rikuru ry’iyo ntara. Sentare ikaba yafashe ingingo yo kugumiza mu munyororo Floriane Irangabiye mu kurindira kwegeranya ibindi birego. Muri bimwe sentare imwagiriza, hakaba harimwo gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.
II. Abantu batatu mu baheruka gufatwa agasakisaki mu ntara ya Kayanza bashikanywe mw’ibohero rikuru rya Ngozi, kuri uyu wa gatanu. Ni inyuma y’imisi irenga mirongo ibiri bapfungiwe mu gasho k’igendereza no muri komisariya y’igipolisi mu Kayanza. Nk’ukwo amakuru dukura muri iyo ntara abivuga, bagirizwa kugerageza kugandagura Visenti Ndagijimana, asanzwe aba muri komine Kabarore ari na we yabafatishije. Abo mu miryango y’abo bahagaritswe, bakaba basaba ko borekurwa kuko ata kindi bariko barazira atari irementanya.
III. Haraheze indwi zibiri zirenga Colonel Ildephonse Baranyikwa yagiye arongoye inteko z’Uburundi zagiye mu gihugu ca republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, benshi mu basirikare arongoye batazi amakuru yiwe. Amakuru atangwa na bamwe mu basirikare akavuga ko amaze iyo misi ari ku musego, inyuma yaho arasiwe agakomereka mu mashamba y’aho bita Itombwe. Akaba yakuwe muri iryo shamba na kajugujugu ya MONUSCO y’ishirahamwe ONU. Abasirikare bari muri republika y’intwaro rusangi ya Congo bakaba basigaye batwarwa na Général de brigade Dominique Nyamugaruka.
IV. Urudandazwa rw’ibiharage mu masoko ari ku rubibe intara ya Muyinga ihana n’ibihugu vya Tanzaniya n’Urwanda ngo rurabujijwe kuva ubu, kiretse umudandaza yabisabiye uruhusha akaruronswa. Ivyo ni ibishikirizwa na buramatari w’intara ya Muyinga, Jean-Claude Barutwanayo, mw’itangazo yashize ahabona kuri uwu wa gatanu.
V. Impunzi z’abarundi bahungiye mu gihugu c’Ubuganda ziriyamiriza ingingo y’ubuserukizi bw’Uburundi muri ico gihugu, ingingo ibuza abarundi bahungiye muri ico gihugu kuvuza umurisho w’ingoma z’Uburundi. Babona ko ari ukubabuza kubandanya bakurikiza imico n’akaranga k’igihugu cabo, aho babona ko ari agatotezo kabandanya. Damiyano Nyabenda aserukira impunzi z’abarundi bari mu gihugu c’Ubuganda, avuga ko ata n’umwe ashobora kubibabuza kuko biri no mu mategeko mpuzamakungu araba impunzi. Ngo ni naco gituma bandikiye umushikiranganji wa mbere muri Uganda bamusaba gutabarwa, kuko babona ko bageramiwe.