Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 28/11/2022

Publié le 28 novembre 2022 par Rédaction
I. Hari umugabo yishwe arashwe n’inzego z’umutekano mu ntara ya Kirundo ku wa gatandatu w’indwi iheze, yagirizwa gutwara inkoho mu mufuko w’amakara. Uwo mugabo yari yarahunze mu 2015, arahunguka mu mwaka wa 2020. Abanyagihugu ariko bakemeza ko ari irementanya yakorewe na bamwe mu bamufatishije. Yahagaritswe n’abajejwe umutekano, mu nyuma atorwa yishwe yarashwe.
II. Uwurongoye urwego nshingwantwaro rw’ibitaro Kira n’uwuserukira abanyamitahe, barandikiye umukuru w’igihugu bamumenyesha ubusuma, ikoreshwa nabi ry’amafranga bikozwe n’abarongoye ibitaro. Bimwe biyamiriza muri iryo kete, harimwo gusohora amafranga atazwi ico agiye gukora, hamwe n’ukwo ibitaro vyatakaje abakozi bari bafise uburambe mu kazi. Basaba y’ukwo abanyamitahe bikorera ivyabo bosubira kwemererwa gukorana n’abarongoye ibitaro, bagasaba kandi ubugenduzi bukuru bwa leta gukurikirana ico kibazo. Gustave Niyonzima, umwe mu bashingwamanza bakurikiranira hafi ico kibazo ca Kira Hospital.
III. Abanyagihugu bo muri komine n’intara ya Rumonge bakoresha amakinga n’amapikipiki baridoga ko barenganywa n’igipolisi. Ivyo vyuma birafatwa n’abapolisi bambaye impuzu z’igi civil mu gihe bihagaze inyuma y’isoko nkuru ya Rumonge, canke mu bindi bibanza. Igipolisi kikabagiriza ko bahagaze ahatarekuriwe n’amategeko.
IV. Buramatari yaraye ahagaritse ibikorwa vy’abahora bararira ibigazi ku mutumba wa Karonda muri komine n’intara ya Rumonge. Hari mu rugendo yagize kuri uwo mutumba kuri uwu w’Imana. Abanyagihugu bavuga ko bakenguruka iyo ngingo, kuko abahora babirarira rwari urwaruka rw’imbonerakure ari na rwo rwahora ruvyiba, ariko rugakingirwa ikibaba n’umukuru w’uwo mutumba Frida Ndagijimana.
V. Abahurikiye mu ma koperative acukura inzahabu mu ntara ya Muyinga baragabishwa na buramatari wo muri iyo ntara, Jean Claude Barutwanayo.  Amenyesha ko mur’ino minsi batanga umwimbu udashimishije ugereranije no mu mezi abiri ya mbere, kuva basubiriye kuronswa uburenganzira bwo gucukura inzahabu. Ivyo akaba yabimenyesheje mu nama yamuhuje ku munsi wa kane n’abo bimba inzahabu, aho yabasavye kugwiza umwimbu. Abatazoshira mu ngiro izo mpanuro na bo, amakoperative yabo ngo azoca yugarwa. Abo bacukura inzahabu bakamenyesha ko igituma umwimbu muri kino gihe udashimishije ari mu gihe c’imvura bitaborohera gucukura, na cane cane ko bataronswa amahera yabo ku gihe iyo bashikanye inzahabu mw’ibanki nkuru y’igihugu.
VI. Mu makuru y’inkino, mu mupira w’amaboko Basketball, umugwi w’Urunani waraye usezeye icizere co kwitaba inkino zo ku rwego rwa Africa bita BAL. Mu mupira w’amaguru naho, ihiganwa ku rwego rw’igihugu Primus League rigeze ku ndwi igira 14, gushika ubu Bumamuru yo mu Cibitoke ikaba ari yo iri mu kibanza ca mbere. Turabashikiriza n’ingene ihiganwa ryo gusiganwa ry’imiduga ryabereye i Ngozi ryagenze.

Ibindi bisa n'ibi