Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 28/12/2019

Publié le 28 décembre 2019 par Rédaction

I. Umugwi w’igihugu ujejwe gutunganya urunani rw’abamenyeshamakuru bazokurikirana ukungene amatora azogenda, ugizwe n’abamenyeshamakuru 12, urongowe n’uwitwa Chanel Nsabimbona wagiye ahabona. Innocent Muhozi arongoye Télévision Renaissance amenyesha ko ari imbonekarimwe ko reta itegeka abamenyeshamakuru uko bazokora akazi basanzwe bakora. Amenyesha ariko ko bidatanganje kuko reta ishaka ko ubwigenge bwo kumenyesha amakuru, buzimangana burundu kugira ivyo ikora ntibije ahabona.

II. Abanyagihugu baba muri zone ya Buterere, barashoboye kuva mumazu yabo bahunga amazi y’imvura nyinshi yaguye mu ma quartiers amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura, mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatanu. Amakuru ava ngaho ku Buterere avuga ko abanyagihugu bari mu kangaratete, kubera ayo mazi yabomoye amazu yabo. Abo banyagihugu bakaba basaba inzego zijejwe gutunganya ibisagara, gukora uruzi rwa Kinyankonge, ari narwo rutera ivyo bibazo.

III. Impunzi zirenga 20 z’abarundi nizo zimaze kumenyekana kuba zaranyurujwe n’abapolisi b’igihugu ca Tanzaniya, mu makambi ya Nduta na Nyarugusu. Muri abo, 5 baramaze kwicirwa mubusho butandukanye, bagirizwa kuba batunze inkoho z’ugutera igihugu c’Uburundi.

IV. Abaharanira agateka ka zina muntu bariyamiriza amabi abandanya akorerwa impunzi z’abarundi mu gihugu ca Tanzaniya. Umushingwamanza Janvier BIGIRIMANA asaba ko hokurikizwa amategeko ari mu masezerano y’i Genève yubahiriza impunzi, igihugu ca Tanzaniya naco kigashengezwa.

V. Mu kigabane Kw’isoko c’uno munsi tubashikiriza ingene abarundi bahungiye mu Rwanda na cane cane i Kigali bariko barahimbaza imisi mikuru isozera umwaka.

Ibindi bisa n'ibi