I. Hari umuntu yaraye afatanywe ikiziga c’umuntu giciye umutwe, mu modoka, ku murwa mukuru w’intara ya Gitega. Amakuru ava mu ntara ya Gitega avuga yuko uwo muntu yoba yakubitiwe mu kabare kugeza apfe. Nyene ako kabare ari nawe yagirizwa ubwo bwicanyi, akaba ari uwurongoye igisata c’ikigo kijejwe gutunganya ibisagara mu ntara ya Gitega. Uwo mugabo azwi kw’izina rya Aimé IRAMBONA kandi asanzwe ari icegera c’uwurongoye umuhari w’imbonerakure mu ntara ya Gitega. Mu gitondo c’uyu wa mbere hakaba hazindutse urubanza rw’ikibiriraho muri sentare nkuru y’intara ya Gitega. Urubanza rwari rukibandanya kugeza kuri uyu mugoroba. Uwo yagirizwa kwica umuntu akaba yafatanywe n’abandi bakozi biwe bane. Amakenga akaba ari yose ku bariko bakurikirana urwo rubanza, ko uwo yagirizwa ubwo bwicanyi ubutungane bushobora gukoreshwa, na rirya afise igihagararo mu mugambwe uri ku butegetsi, kandi ari somambike n’umukuru w’igihugu. Bagatinya ko abakozi biwe aribo bahava barwa mu mporero.
II. Ikiziga c’umugabo w’imyaka 58, yitwa Nyabenda Elias caratowe ejo ku musi w’Imana mu gatondo, ku mutumba wa Gasenyi, muri komine ya Giteranyi y’intara ya Muyinga, nkuko amakuru atandukanye ava kuri uwo mutumba avyemeza. Ikiziga c’uwo yitavye Imana, ababanyi biwe ngo bakaba bazindutse basanga cenena ku mugozi. Bamwe mu babanyi biwe bakavuga ko uwo mugabo ataragicana uwaka n’umugore wiwe, ngo yoba yariyahuye. Imvo y’urwo rupfu ngo woba ari umubano mubi warangwa hagati ya Nyabenda n’umukenyezi wiwe, haraciye imisi itari mike. Uwo mugabo akaba agize umuntu w’umunani apfuye muri ubwo buryo mu kiringo c’amezi ane gusa.
III. Hari ingingo y’uwurongoye igisagara ca Bujumbura yo gutegeka abanyagihugu baba mu gisagara ca Bujumbura ko bategerezwa kugura i cahier bandikamwo ingenzi. Iyo ngingo na yo ikazotangura kuja mu ngiro igenekerezo rya 1 Nzero umwaka buca utangura. Abanyagisagara bavuganye na radio Inzamba bavuga ngo n’ubusuma bweruye, mu gihe agakaye bari basanganywe katari bwahere. Ako gakaye gashasha kazogurwa ibihumbi bitatu, mu gihe akaheruka bari bakaguze ibihumbi 2. Basaba umukuru w’igihugu kubagarukira, agahagarika iyo ngingo.
IV. Tatien SIBOMANA avuga ko abo banyagihugu bidogera ayo mafaranga ibihumbi bitatu, batarira gusema. Uyo munyapolitike, atavuga rumwe na Reta, akabonako iyo ngingo y’amakaye mashasha, ari uburyo bwo kurondera amafaranga mu banyagihugu. Tatien SIBOMANA.
V. Abavyeyi b’abanyeshure bo muri komine Gishubi mu ntara ya Gitega, baridogera ubuyobozi bw’indero mur’iyo komine. Ikibituma n’amafaranga basabwa yo guhemba abarimu b’abakutsakivi, bakavuga ko bayatangishwa ubugira kabiri, kuko aya mbere yanyurujwe n’uwahoze arongoye komine Gishubi.
VI. Reta y’Uburundi yaraye imenyesheje ko igiye gutuza urudandazwa rw’abantu bajanwa mu bihugu vy’abarabu, biciye mu ngingo ziherutse kwemezwa n’inama nshikiranganji. Kubw’ishirahamwe FOCODE, iyo ngingo ni iy’ubwiyorobetsi no gukingira bamwe mu bihangange mu gihugu no mu mugambwe CNDD-FDD babifisemwo uruhara. Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE, asigura ko no mu gihe reta yoba koko igomba gutuza urwo rudandanzwa, yobanza gukora amatohoza, abo bose babifisemwo uruhara bagahanwa.
VII. Umuhari MAP Burundi Buhire uhamagarira reta y’Uburundi gutangura ibiganiro vyubaka, bidakumira, mu ntumbero yo kugarukana amahoro n’umutekano kugira n’ubutunzi bw’igihugu bwisununure. Mw’ikete uwo muhari warungikiye umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, umuhari MAP Burundi Buhire ubona ko Uburundi bukeneye inguvu z’abarundi bose kugira busohoke mu bibazo birangwa mu bisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu. Emery Pacifique Igiraneza, arongoye umuhari MAP Burundi Buhire.