Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 28/12/2022

Publié le 28 décembre 2022 par Rédaction
I. Ikiziga c’umugore wo mu bwoko bw’abatwa yaba ku musozi Munege na komine Kabarore yari azwi kw’izina rya Nizigiyimana Rahabu, catowe mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, ku nkengera z’uruzi Mwogere ruca muri ako karere nyene. Mu gipolisi bakavuga ko uwo muntu yoba yatwawe n’urwo ruzi mu gihe yariko agerageza kurujabuka, ariko mu gipolisi nyene bakamenyesha ko amatohoza akibandanya.
II. Hari umusirikare w’igisongerezi atabarizwa na bagenzi be ko ubuzima bwiwe bumerewe nabi. Akaba apfungiwe muri bataillon Police militaire PM. Yagirizwa kuba yaratyoje ijambo ry’umukuru w’igihugu ryo kuwa mbere Rusama uyu mwaka, aho yavuga ko abasirikare batongewe amafranga. Ivyo yabishize mu butumwa bwa WhatsApp yarungikiye bagenzi be binjiranye mu gisirikare. Amezi atandatu araheze apfunzwe atarigera ashirwa imbere y’ubutungane bwa gisirikare ngo yisigure ku vyo yagirizwa.
III. Umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi, urashima irekurwa ry’umushingwamanza akaba n’uwuharanira agateka ka zina muntu Tony Germain Nkina, inyuma y’imyaka ibiri apfunzwe, ipfungwa uwo muhari uvuga ko ritari rikurikije amategeko.  Marie Louise Baricako arongoye uwo muhari aributsa kandi ipfungwa ry’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye, ariko yagirizwa icaha kimwe n’icari caragirijwe Tony Germain Nkina. Asaba nawe nyene y’ukwo yorekurwa atagisabwe.
IV. Indongozi ni zo zishe igihugu c’Uburundi kuko zagandaguye abantu benshi. Vyashikirijwe na Evariste Ndayishimiye umukuru w’igihugu c’Uburundi mu gikorane c’amasengesho kiriko kirabera mu ntara ya Kirundo kuva kuri uyu wa mbere. Ku bwiwe ngo nta butegetsi bushobora kuramba bwica abantu. Asaba abategetsi gusaba ikigongwe kuko umutegetsi nyawe yategerezwa kugirira impuhwe abo arongoye.
V. Nta yindi ntumbero ibikorane vy’amasengesho bikorwa na leta bifise atari ugusinziriza abanyagihugu, kugira ngo bibagire amagorwa barimwo. Bishikirizwa na Frédéric Bamvuginyumvira yabaye icegera c’umukuru w’igihugu c’Uburundi. Avuga ko bitwara uburyo bwinshi, umwanya hamwe n’igitoro gisanzwe kinakenye mu Burundi.
VI. Umwaka mushasha wa 2023 uje mu gihe ubukene bugeramiye abanyagihugu bo mu ntara ya Kayanza. Abaganiriye na Radiyo Inzamba Agateka kawe baremeza ko ubuzima bwabananiye bivuye ku biciro vy’ibifungurwa vya nkenerwa bibandanya biduga bidasanzwe kw’isoko. Naho biri uko, abandi barashimira Imana ko bagikomeye.

Ibindi bisa n'ibi