Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 29/01/2021

Publié le 29 janvier 2021 par Rédaction
I. Ingingo yo gushaka kunagura umubano mwiza n’ibimenyeshamakuru vyahagaritswe mu Burundi yaraye ishikirijwe n’umukuru w’igihugu irashimwa n’ishirahamwe mpuzamakungu riharanira ubwigenge bwo kumenyesha amakuru Reporters Sans Frontières. Ariko Reporters sans Frontières ikavuga y’uko izoshima neza imaze kubona imvugo y’umukuru w’igihugu ijanye n’ingiro. Arnaud Froger arongoye iryo shirahamwe muri Afrika avuga y’uko  impinga ikiri ndende, mu gihe hakiri abamenyeshamakuru barenga ijana bahunze igihugu,  ama radiyo nayo agasamburwa.
II. Ishure ryisumbuye rya Gasenyi ryegukira Komine Muyinga, gushika ubu nta bikoresho rirashiraho vyo gukarabiramwo iminwe mu kurinda abanyeshure ikiza ca COVID-19. Ibitera amakenga abavyeyi baharereye kugutinya kw’abana babo bandura. Bagasaba uwurongoye iryo shure kubahiriza ubutumwa budasiba gutangwa n’abategetsi, ku bijanye n’ukwikingira ico kiza.
III. Ubwoba ni bwinshi mu banyagihugu begereye ibitaro vya Fota, biri mu ntara ya Mwaro muri komine Ndava. Ni mu gihe hamaze kwibonekeza abarwayi b’umugera wa Covid-19 bashika kuri cumi. Abo banyagihugu bakavuga ko batewe amakenga n’uko benshi muri abo banduye uwo mugera, ari abanyeshure bo kuri Lycée ya Mwaro, kandi basanzwe bataha mu mihana, aho hikekwako bashobora kuba baranduje abatari bake. Abo banyagihugu bagasaba abajejwe amagara y’abantu muri iyo ntara, gufata ingingo zibereye kugira barwanye ico kiza. Uruganda rwa radiyo Inzamba rwarondeye umuyobozi w’intara mu vy’ubuvuzi hamwe n’umuyobozi w’ibitaro vya Fota turabakena.
IV. Imiryango 15 y’abasangwabutaka muri komine Mutambu mu ntara ya Bujumbura, irugarijwe n’ubukene aho yidogera abategetsi b’iyo komine, kuko ataco babafasha. Ni mu gihe iyo miryango yimuwe kuko aho bahora baba hariko himbwa ubutare, kuva mu kwezi kwa Munyonyo umwaka uheze, bagasaba gusubizwa amatongo yabo.
V. Amashirahamwe ya leta n’ayo ifisemwo imitahe agira ibibazo bidasanzwe kubera amasoko aba arimwo igipfungu. Abategetsi bakomakomeye ngo nibo binyegeza inyuma y’ubwo bunyonyezi. Ivyo biri mu rwandiko ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, ryandikiye umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye. Muri urwo rwandiko rwo kuwa 28 Nzero, OLUCOME irerekana ibituma ayo mashirahamwe ahomba, igasaba ko hokorwa n’ivyigwa bikwiye kugira ngo ayo mashirahamwe akore neza. Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME.
VI. Abagabo barenga 40 nibo bamaze gufatwa n’igipolisi mu kiringo kidashika indwi, kw’isoko ry’ibitungwa ryo mu Kayanza. Igipolisi kibagiriza ko biba abaguzi n’abagurisha kuri iryo soko, mu kwitwa ngo bariko bafasha abagura n’abagurisha mu kwumvikana. Abaguzi bo babagiriza ko aribo batumye ibiciro vy’ibitungwa biduga bidasanzwe kuri iryo soko.

Ibindi bisa n'ibi